Amatati yo mu ngo n’amadeni y’umurengera bituma ibitigiri vy’abiyahura biguma bigwira mu gihugu!

Umwigisha wo kuri Ecofo Kivogero komine Bugendana intara ya Gitega azwi kw’izina rya Banzirubusa Vianney yariyahuye mw’ijoro ryo kuri uyu wa 09 Ndamukiza 2023.
Uyo mugabo w’#abana bane yaba ku mutumba #Nkanda w’iyo komine, ngo yavuye muhira mw’ijoro asiga yanditse ikete ryo gusezera umuryango aca aja kwimanika ku giti c’ipera kiri mw’itongo iyo avuka ku mutumba Mwurire nk’uko bimenyeshwa n’ababanyi.

Icatumye yiyahura ngo « yoba ari amatati yo mu rugo hamwe n’amadeni y’umurengera yarafise muri banki no mu mashirahamwe »Musomyi muhire, hamwe hoba hari uyundi ananijwe n’izo ngorane, mwomuhanura iki?