
Ngozi : Abantu 3 bo mu muryango umwe barapfunzwe kuva mu gitondo co kuri uyu wa 4. Bagirizwa kurandura umurima w’abo w’umuceri mu mwonga Nyakijima muri komine Ngozi. Musitanteri w’iyo komine avuga ko bari barahawe ikiringo co kuwubagara, ariko ko batacubahirije. Joseph Martin Bucumi amenyesha ko umurima wabo waciye uhabwa koperative Sangwe.
Bene umurima bo basigura ko batumva ukuntu umuceri wabo utangwa kandi bawukeneye. Aha, musitanteri asigura ko mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, batazokwemera ko hari umurima wononekara kandi hariho abashoboye kuwukorera. Yongerako ko baciye bashikirizwa ubutungane.
Imyaba 5 itabagariye yaratswe bene yo ihabwa koperative Sangwe. Amakuru ava I Ngozi avuga ko abarimyi barimira mu myaba itunganije bahabwa ikiringo kimwe haba kurima, gutera, kubagara no gusarura.