
⚖️ Agiye guhanwa kubera yahaye ikibazo umunyeshure yigisha
👨🏾🏫 Ni umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye ry’i #Bukeye ya mbere i #Kibago mu ntara ya #Makamba yigisha mu mwaka wa nyuma w’inyuma y’amashure shingiro mu gisata c’ibiharuro, basanze yarahaye ikibazo umwigeme yigisha. Vyagenze gute?
💬 Hatanguye kumenyekana ko uwo mwigisha yahaye uwo munyeshure nyene akabazo ko mu gice ca kabiri. Umuyobozi w’indero muri komine Kibago yahavuye afata ubwo busuma bwa mbere, mbere n’uwahawe ikibazo aravyemera. Mu nyuma, yaronse ikete ry’abanyeshure ko ikibazo ca #Chimie c’uwo mwigisha nyene catanzwe kitarakorwa. Ikibazo cahavuye gisubiramwo
✍🏾 Umuyobozi w’indero yaciye atangura amatohoza. Icaha cahavuye cagira uwo mwigisha. None ubu ingingo z’ibihano ziriko zirategurwa – ouverture du dossier disciplinaire –