
Uhoraho yaduhaye kugendana nawe ibihe vyose. Ariko dufise iminsi 21 yo kuba imbere yiwe vy’umwihariko.
Uwutari bgifatanye n’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana, n’aze mur’iyi minsi indwi isigaye tubandanye urugendo.
Twinjiye mu gice gihambaye c’uru rugendo, aho tugiye kubona ico Uhoraho yadutumiririyeko. Aho umwe wese agiye kwishurwa mu mitwaro yiwe yose.dukomeze twese kuba imbere y’Imana duteramanye na Radio Isezerano Internationale na Radio KURO Ijwi ry’Abera.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!