
Ibihangange Batanguye ari batandatu, hasigaye babiri gusa. Ni nde azokurikira ?
Aho CNDD-FDD yashikira ubutegetsi muri 2005, ubutegetsi bwari mu minwe y’abagabo batandatu. Niko hariho inzego z’igihugu zitwa ko zifata ingingo, ariko abategeka vy’ukuri bari Petero Nkurunziza, Hussein Radjabu, Général Adolphe Nshimirimana, Général Alain Guillaume Bunyoni, Général Evariste Ndayishimiye na Général Silas Ntigurirwa.
Inyuma y’imyaka ibiri, umwe muri bo, Hussein Radjabu, yarakuwe mbere arahava yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba aho yamaze imyaka 7. Muri ntwarante 2015, Hussein Radjabu yaratorotse ibohero arahunga, mu mahanga abandanya urugamba rwa politike. Kuva muri 2019 ntawuzi neza amakuru yiwe: mw’iperereza ry’Uburundi bemeza ko bamwishe, abanywanyi biwe bo bemeza ko akiriho. Imyaka ine iraheze atavuze. Imbere yuko abogozwa, Hussein Radjabu yafatwa ko asigaye afise ububasha busumba ubw’umukuru w’igihugu.
Inyuma y’imyaka 10 bari mu butegetsi, Général Adolphe Nshimirimana yaragandaguwe. Nta muco urigera utangwa ku rupfu rwiwe. Abafise ico bazi bafashwe baca bicwa n’iperereza badashize ahabona ivyo bazi. Urubanza rwiwe mu butungane rwuzuyemwo igipfungu. Amasoko atandukanye yerekana ko urupfu rwiwe rwafatanije ubutegetsi bwa Nkurunziza na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi. Ni ibinyegezwa bikomeye. Imbere yuko agandagurwa, Adolphe Nshimirimana niwe wenyene yari asigaye ashobora kwubahuka umukuru w’igihugu, hariho n’ubwoba ko yoba yashaka ko umukenyezi wiwe arongora Inama, ivyari gutuma asubirira umukuru w’igihugu hagize ikimushikira.
Inyuma y’imyaka 15, Petero Nkurunziza yarasandavye. Ubutegetsi bwavuze ko umutima wiwe wahagaze giturumbuka. Nta kindi cakozwe kijanye no kumenya icatumye uhagarara. Vyabaye mu gihe hari haherutse gutorwa Umukuru w’igihugu mushasha ariko Nkurunziza akaba yari yishiriyeho itegeko rimuha ububasha budasanzwe nk’Imboneza yamaho, ivyari gutuma agumana ijambo rinini yaravuye ku butegetsi, mbere agahava arengera umukuru w’igihugu.
Inyuma y’imyaka 18, Alain Guillaume Bunyoni avugwa ko yatorotse kandi ariko araronderwa n’ubutungane. Ivyiwe biriko biranyarwa, umuryango wiwe ufashwe mpiri. Abaye akiri ku butaka bw’Uburundi, Alain Guillaume Bunyoni arashobora kwicwa mu kinyegero. Abaye yarahungiye muri Tanzania arashobora gushikirwa n’ivyashikiye Hussein Radjabu. Niyaja mu kindi gihugu, arashobora gufatwa na CPI kubera amabi adasanzwe yakoreye abarundi. Imbere yo kubogozwa, Alain Guillaume Bunyoni yafatwa ko atubaha umukuru w’igihugu, mbere akigenza nk’uwo buca asubirira mu gihe umukenyezi wiwe yatangaza ko yiteguriye kuja mu kibanza gisumba ic’umushikiranganji wa mbere.
Muri bamwe batandatu batangura, hasigaye Evariste Ndayishimiye na Silas Ntigurirwa. Ntawuzi uwuzokurikira kwicwa, gupfungwa, kunyagwa ivyiwe canke guhunga. Bose ntawukura icigwa mu vyashikiye abandi, uwusigaye yibaza ko ariwe akomeye maze agakorera ikibi abandi atiyumviriye ko ivyo nyene bizomubako nawe.
Uko abo batanguye bavamwo niko haduga abandi bahoze musi yabo. Nabo nyene bahageze, nta vyigwa bakura mu vyashikiye bakuru babo. Umurindi w’ikibi uguma ari wawundi. Gushika nabo bashikiriwe …
Abandika ivyo bose barafise ico baganije. Ivyarivyo vyose ibiriko biraba si akavubu.