Abategetsi bamaze imyaka myinshi batitayeho igihugu nko mu Kayanza Gatara-Karurusi

Gatara :i Karurusi basaba ko ikiraro cosanurwa

Abanyagihugu bo ku mutumba karurusi komine Gatara basaba ko ikiraro cahuza komine Gatara na komine kayanza uciye mu mwonga wa Nagatobo cosubizwaho.

Abo banyagihugu bo ku mutumba wa Karurusi muri komine Gatara banavuga ko haheze umwaka batojwe intererano yo kubaka ico kiraro ariko kikaba kitubatswe. Urugo rwose rwatanga amafaranga ibihumbi 2 kugira ico kiraro cubakwe.
Bakabazwa ko kitarubakwa ubu kujabuka bikaba bitoroshe ,uwudashobora guca mu mazi atanga amafaranga ari hagati y’amajana 3 n’amajana 5 bakamuheka.

Muri komine Gatara barahumuriza abo banyagihugu ko ico kiraro cafasha mu migenderanire ko coba kigiye gusubizwaho kuko ikibazo bagifashe mu minwe.