
Rutana: hari ikibondo catowe aho catawe gipfukishije umutoto
Urwo ruhinja rwatowe kuri uyu wa 15 Ndamukiza 2023 ku mutumba wa #Gisasa i #Shanga muri #Musongati ya #Rutana Rwatowe n’umukenyezi agiye mu ndimo aho yarwubukako mu gashamba rupfukishije umutoto, ahamagarwa n’ijwi ryarwo ruriko rurariraClaudine Niyoyitungira arongoye komine ya #Musongati ni we yaciye yishinga uwo mwana, inyuma y’aho bamujaniye ku bitaro kumusuzumisha. Bwaciye buca amubatiririsha kuri uyu wa 16 Ndamukiza 2023
Amatohoza akaba akiriko arakorwa kugira hamenyekane uwataye urwo ruhinja Mwe mwibaza ko imvo ziriko zituma inzoya zitabwa ku bwinshi muri ino minsi zoba ari izihe ?
Hari imico akaranga n’ubukene bubi butuma abantu batagira ico bafashisha.