Inzara irabica bigacika gushika naho biba indya zo mu nkono

Muramvya: ubusuma bw’indya zo mu nkono na bwo bwadutse…

Abenegihugu bo muri zone Buhangura ya komine Mbuye, intara ya #Muramvya, baratewe uruhagarara n’ubusuma buriko buribonekeza muri ino minsi, aho uwubuze uko amena urugi ngo yinjire agire ivyo asahura, aheza agacungana n’isafuriya iri ku mashiga kugira ajabure ibifungurwa biyitetsemwo

Umwe mu bakenyenzi twayaze yagize ati: « Nta minsi iheze, naratetse ndahisha, ndaheza nterura isafuriya ndayishira mu gikoni ngo bihore, nca ninjira mu nzu nkuru. Nagize ngo ndaja kuraba imfungurwa ngo ngabure nsanga pi! Ndarondera hose ndabura iyo yanyikiye. Burya bukeye twayisanze mu ngundu y’igitoke aho bayitaye inyuma yo kwihereza ikiribwa carimwo »

Abenegihugu bakibaza ko biriko bitumwa n’inzara ituruka kw’iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa kuko ngo ubusuma nk’ubwo butari bumenyerewe. Bakamenyesha ko ubu uwuteretse inkono ku ziko ayiguma hafi kugira hatagira abaza kuyiremeka