
Igipolisi c’Uburundi gifatanije n’icigenderaza, cazindutse cugarije kugira ngo gisake ingo z’uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni. Izo ngo zikaba ziri mu Gasekebuye mu gisagara ca Bujumbura no muri Mpinga Kayove mu ntara yarutana.
Amakuru adushikira avuga yuko bitwaje umutahe w’umushikirizamanza mukuru wa leta, bagiye gusaka izo ngo uko ari zibiri baronderayo amafaranga anyegejeyo maze bakaba bayabuze.
Ivyatangeje abantu ngo ni ingene bugara amabarabara ari benshi abandi bakurira hejuru y’inzu ku mabati. Abantu baribaza yuko abatunze amafaranga munzu boba bari mu ncabgenge abandi bakavuga bati urwo n’urwitwazo rwo kurondera gukorera ikibi abo bacanyemwo.