Intambara y’Urwanda-Kongo n’Uburundi.

Abasirikare b’Uburundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Congo muri rwa rwego rw’ubumwe EAC ( ama leta y’ibihugu vy’ubuseruko) berekanye abasirikare bafashe b’Urwanda n’ibikoresho vyabo bitirirwa wa mutwe wa M23 urwanya leta ya Congo.

Ibintu nk’ibi kuba bishitse si igamana. Abafise ubgenge bgo gutahura barabona ibiriko birabera mu bihugu vy’ibiyaga binini yuko bidasanzwe. Ibihugu bisangiye ukwivunira umwansi hamwe vyoterana gute!