
Komine Busiga : Bafashwe mu mirima biba imyumbati.
Henshi mu gihugu haravugwa ubusuma mu mirima. Abo ni abafashwe ku wa gatatu uheze bariko biba imyumbati mu mirima. Hari ku musozi wa Nyange, komine Busiga mu ntara ya Ngozi. Bisiguye bavuga ko babikoreshwa n’inzara.
Ico kibazo kiriko kiravugwa cane no mu zindi ntara nka Gitega, Bururi na Bujumbura (rural) muri komine Nyabiraba. Abanyagihugu basaba gutabarwa kubera imirima yabo ibangamiwe n’abasuma.
Ubusuma bg’ibifungurwa ni ikimenyetso ntarengwa c’inzara mu gihugu naho abategetsi babihakana.