Inzara irabica bigacika mugabo turazi kunyegeza umwotsi naho inzu iba iriko iratokombera

Hariho abokwibaza ngo ingeso mbi abandi bakivugira ngo ubusuma bgamyeho ariko ukuri n’uko mu ntara zose zigize igihugu cacu havugwa ubusuma mu biribga. Ni ikimenyetso c’inzara.

Mu ntara KARUSI commune GITARAMUKA umugabo n’umugore wiwe bivye impene n’igitoke,umugore niwe yafashwe gusa bamujanye kuri commune ku mvo z’amatohoza ariko umugabo wiwe yirutse arasiga abagira bamufate.

Naho biruko abategetsi b’igihugu barakurakuranwa mu benegihugu bababarira yuko abavugako bashonje ari ibinebge bidashaka gukora. Ivyo bigasa n’uko abategetsi bari kure cane y’ukuri. Ntibagera n’umutwe kugerageza kuvuguruza ibiharuro vyerekana ubukene buri mu gihugu canke ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze mu gihugu.

Dusaba abantu bose gufatana munda, ababishoboye bakarima kugira ngo bagwize umwimbu, abari hanze mu bihugu bitunze bagafasha imiryango yabo basize mu gihugu. Abarongoye igihugu bokwikubita agashi mugufata ingingo zitotera umuti ingorane ziri mu gihugu aho kuguma batera imiragwe aba na bariya.