Naho atawuzi yuko ivyandikwa vyose ari ukuri ntaco bitwaye kubisoma

AMONGEREZANKA NIYO MAZITUVYA.

Abaciye mw’ishuri ry’intango baribuka igisomwa c’imbwa yari ifise umusoso w’inyama mu kanwa,iciye hejuru y’umugezi iraba mu mazi,iribona ,mugabo yo yibaza ngo ni iyindi mbwa nayo ifise umusoso ,ica ishaka kwasama ngo ije kwaka wa musoso yayindi ibona mu mazi,wa musoso wayo uca ukorokera mu mazi uratwarwa,ya mbwa ibura vyose,

Igisomwa citwa »Inda ndende ihumira indya,ikica akokize. »

ISAKWA RY’URUGO RWA GUILLAUME BUNYONI N’ICO RYARI RIGAMIJE.

Twaheruka kubabwira ko mu bihangange vyubatse umuzingi wugaye (cercle des généraux) bari bumvikanye ifatwa ry’amafaranga yose ya Guillaume BUNYONI aho asangwa hose bakabangira ku mufata,
Vyahavuye bikorwa,baja kuyarondera,barasaka bikwiye bimwe bita ko akazimiye ataho katarondererwa.

Twahavuye twakura isoko ryacu, umutegetsi wo hejuru mu mugambwe CNDD FDD, kugira aduhe umuco ku kijanye n’iryo sakwa,
Yagize ati:
« Turi abategetsi benshi dufise amafaranga twakuye mu nzira zitandukanye(ivyo ntaco ndabivugako kirekire kuko ni ibanga rya système),ariko ikizwi ni uko Guillaume BUNYONI yahawe uburusho bwo kuronka amafaranga menshi kurusha twese. »

« Harageze aho Guillaume BUNYONI yifata nk’umucangero muri système yacu,ku buryo iyo dushaka gufata ingingo ikomeye,we vyasaba ko abanza gupfumbatishwa kugira yemere ko bikorwa,iyo ngendo yiwe yakomeye kuva mu 2015,
Harageze aho kugira hafatwe ingingo zaba iz’igihugu canke iz’umugambwe adusaba kumuha amafaranga yababa imiriyaridi 5 ,atabonetse iyo ngingo igahagarara. »

« Bivanye n’ibibazo igihugu caciyemwo,twaricaye nk’abafise ijambo rya nyuma mu ntoke,turibaza aho igihugu kigeze dufatiye ku civugo c’urugamba twagwanye,turabona ko intumbero yatakeye rwose kuko abatovyi babaye benshi(ivyo ntawutabizi) ,tuca dutegura inama idasanzwe y’abafise ijambo mu gihugu kugira twihe ihangiro rishasha kuva mu 2020, Guillaume BUNYONI yumvise ataco apfumbatishwa ntiyitavye,aca avuga ko ibiza kwigwa vyose bitamuraba. »

« Erega niko vyagenze,burya ingingo twapfunditse muri ya nama zo guhindura ishusho y’uburongozi bw’igihugu n’ubwo umugambwe bikaba ivyisunga demokarasi twagwaniye yaravyanse,
Umukuru w’igihugu agategura ibi, BUNYONI n’abamuyoboka bari mu nzego zitandukanye bagategura ibindi, »

« Vyatevye niho yadukurira inkoni ku gishitsi ko adahawe intebe y’umukuru w’igihugu ataco tuzomukorana gishoboke,
Bamwe muri twebwe barashavuye kugera aho bamwibutsa iyo yavuye(muri FNL) tukamwakira muri FDD,tukamuha amabanga akomakomeye twimye abo twashingiye hamwe FDD,ariko biramunanira gushima,
Haca haba uruhande rufata ingingo yo kumwaka ivyo afise vyose, »

« Uwo murwi wafashwe n’ishavu wari muto,abandi twabona ko hakiri kare,ariko twemeranya ko akwiye kwakwa inzira yakuramwo amahera mu gihugu(ni uko hari abarundi benshi baguye mu mporera bari babeshejweho n’utwo tuyira twa Bunyoni ,ariko bizosubirwamwo) ,
Haragera aho yakwa amabanga yose y’igihugu,
Hakwikebuka nawe aca yongereza umurindi mu gutoba akoresheje abavuga ko ariwe yabahaye ibibanza barimwo eka n’abamukunda uko gusa, »

« Niho rero twabona ko hageze ko hakoreshwa inguvu,kandi ku neza y’igihugu n’abenegihugu ntaco tutazokora n’aho kwoba ari uguheba uwo twasangiye vyose,kuko dushaka ko amakungu abona ko abarundi dushoboye kandi birashoboka nitwahagurukira rimwe, »

« Ukunyegeza amafaranga mu bantu bacu biramaze igihe,nico gituma kuyatora utayeretswe na mwenevyo bitoroshe,kuko hari n’abayanyegeza abakenyezi canke abana babo ntibamenye aho ari, »

« Inzira imwe yakunze gukoreshwa,ni uko hazanwa abafundi cane cane bakuwe mu ntara ya Bujumbura Rural ,bagasangwa ku gatumba iwabo,
Bemeye ico gikorwa, baca bambikwa ibitambara mu maso kugira ntibabone aho baca,bakambikwa ku matwi utwuma tuvuza umuziki(écouteurs) kugira ntibumve ibivugwa mu nzira,
Basubira kubona bari mu kibanza babukamwo ubwo bubiko bw’amafaranga buri mu nzu zo musi(cave),
Bahejeje bagahemberwa hiyo musi nyene,bagasubira kwambikwa kwa kundi,hanyuma bagasubizwa iwabo ku gatumba,
Gutyo, ntibamenya karitiye,ibarabara,eka n’inzu bubatsemwo bwa bubiko. »

IHAGARIKWA RYA GUILLAUME BUNYONI.

Ejo twararonse umwe mu bategetsi bo muri API afise ipete rya Colonel yagize ico abitubwirako,
Yatubwiye ko Guillaume BUNYONI yoba yaranse guhunga igihugu mu nzira yari yateguriwe bikozwe na Chef d’État Major.

Ayo makuru avuga ko ca gihangange gikomeye muri Cndd Fdd casaba Prime NIYONGABO guhungisha Guillaume BUNYONI,kikongera kigasaba Général Ildephonse HABAREMA nk’umukuru w’iperereza kuraba hejuru,
Guillaume BUNYONI yoba yaranse ubufasha buvuye kuri ico gihangange,
Hamwe Alain Guillaume BUNYONI akaba yabifashe nk’umutego ahandi ko koba ari agasuzuguro,
We kubwiwe akaba yasaba ko nyabuna yogiranira ibiganiro n’umukuru w’igihugu kugira Bunyoni yemere guheba ibintu bimwe bimwe.

Iryo soko ryacu muri API yavuze ko BUNYONI we yibajije ko yoba ari inkinamico PRIME NIYONGABO ariko akorana na Évariste Ndayishimiye n’abandi kugira bamukure mu gihugu,gutyo azokwibagiranwe nka GENERAL GODEFROID NIYOMBARE,

Uwo mutegetsi muri API yatubwiye ko aheruka yumva ko NGABO na KING KONG babwiye umugenerari wo muri API(tutaramenya) ariko ngo yoba ari ALEXANDRE MUYENGE batazira MANALEX, ko yobwira ca Gihangange gikomeye cabasaba gutabara Guillaume BUNYONI ,ko BUNYONI bamuhevye(bamukuyeko amaboko).

Iyo ntwazangabo yatubwiye ko ijambo rya nyuma ryoba risigaye mu bantu 4:
ÉVARISTE NDAYISHIMIYE, GERVAIS NDIRAKOBUCA, SILAS NTIGURIRWA na ETIENNE NTAKARUTIMANA.

Abarundi bose bakwiriye kwigishwa urukundo, ukwitanaho no kubungabunga igihugu uhereye kuri bato gushika kuri bakuru.