
Abantu batangura neza ariko bagaheza nabi. Hariho abatangura barondera Imana y’ukuri no kugororoka kwayo mugabo bagahereza mu vyara vya satani kubera abarongozi babi. Aha twovuga nk’imigwi myinshi isohoka mu mashengero azwi ikavuga yuko igiye mu vyumba vy’amasengesho mugabo igasanga ivuye mu vyizerwa vy’ukuri.
Hari abantu bavuye mu ntara ya Mwaro burira imodoka maze baza mu cumba c’amasengesho i Bujumbura mu Kamenge. Aho murico cumba c’amasengesho, bavuga yuko baturiye vyose, baheba kwiyoza, kwimwesha no guca inzara kuko harico bareretse. Abo bazimuruwe n’abenegihugu, abashinzwe intwaro n’abashinzwe umutekano baraheza baca babagatira imodoka ibasubiza iwabo.
Abo ntaho bataniye n’abandi baja ku misozi miremire bavuga yuko bagiye kurindirirayo Yesu Kristo yuko agaruka. Nico kimwe n’abandi bumvise yuko Imana yakunze igihugu c’Uburundi ikagiha isezerano bagaca bagerageza kwishiriraho Bibiliya yabo, umwami wabo n’utundi tugenegene. Kuzimirira mu vy’Imana ntibisaba ubugaba bginshi, ni ukudatahura ivyanditse muri Bibiliya Yera no kudatahura ijwi ry’Imana gusa.