Mu minsi itatu witegurire kumenya yuko uriko uburinzi canke atabgo ufise.

Abantu benshi barazimirira mu nzira y’Imana abandi bakayititura bigatuma habaho abantu ivy’Imana batabinegwa, abandi bakabikora nk’umugenzo gusa ntibagire imigenderanire n’Imana ngo bagendane nayo.

Ivyo vyatumye mw’isi abanyavyaha n’abagarariji aribo baba benshi, abari muvy’Imana nabo bakabikora nk’urudandazwa canke ivyo baronderamwo intungu za politike. Ariko inzira y’Imana iratandukanye n’ivyo vyose.

Iyo Imana ivuze, ijambo ryayo riza rihambaye kuko rishobora gutandukanya igufa n’umusokoro. Itubariye yuko mu minsi itatu uwutazoba yejejwe azomenya yuko ata kimenyetso c’uburinzi afise kuriwe, ntakindi bisigura atari iryo jambo nyene ryavuzwe. Ca utangura guharura kuva uyu munsi nyene. Uwufise amatwi yo kwumva ni yumve kandi n’uwufise amatwi yo kubona n’arabe.

Umwami Yesu Kristo yamamare!