Imvugo z’ikirundi zinyegeza vyinshi bigatuma umwe wese asoma iciyumviro.

Hariho amajambo avugwa n’uyu n’uriya akagenda ataco abantu bayiyumviriyeko naho aba afise ico agamije. Mugabo hariho n’ayandi aba na bariya baca biyumvirako bagasorongora, bakayaca irya n’ino bitewe n’uwuba yayavuze.

Umukuru w’igihugu kubera aba yaratowe n’abeneguhu aba afise ububasha bgo kurongora abantu. Ubgo bubasha arabukomeza iyo abarongoye neza mu mahoro, ubutungane n’iterambere. Mugabo kandi ubgo butegetsi bgiwe arashobora kwibaza yuko ariko arabukomeza mu gutwaza abo arongoye igitsure, amanyama, uburiganya cane mu kwita ikibi iciza iciza canke iciza akacita ikibi.

Kuvyerekeye iryo jambo rya Evariste Ndayishimiye, abantu baribaza bati ko twamuhaye kurongora Uburundi bg’abarundi yoba yahavuye asanga muri beneBurundi harimwo abana b’igihugu yita ubuhushi bgo gukubitwa! Ko umuvyeyi aba umuvyeyi wa bose ababi n’abeza yokwihanikiza abantu gute ngo ntihagire amajambo azovugwa niyakubata abana b’igihugu yita ubuhushi!

Ico cari iciyumviro c’abantu bagira bati buraca bugacana ayandi.