Inkuru ibabaje: Abakorera Imana mu Mpwemu no mu kuri baroye hehe?

Abakozi b’Imana b’ukuri nibande?

Abakozi b’Imana b’ukuri n’abigisha ijambo ry’Imana bakarigendera, bagasa naryo.

Icerekana ko abantu bakorera Imana, ni urukundo ruri hagati yabo, abantu bababarana, ntabo kwankana aha kwisi, hanyuma bavugeko basangiye urugendo.

Haraciye nk’imyaka 25 narimfise umuntu nabona neza ko ari umukozi w’Imana mfatiye kuncuro yavuga Yesu, naramugendera akangendera, akangaburira ijambo ry’Imana

uwizigiye umwana w’umuntu aravumwe

Haheze igihe, ndagira ingorane, ndarondera mubagenzi noba mfise mbona nokwitura uwo yahora anyigisha ijambo ry’Imana…

Naramwiganiye ikibazo mfise anyishura ati:

Erega wewe nturi umugenzi wanje, naho woba uriwe, ntondetse abashika ijana, woba ugira kangahe? Simvuzeko ataco mfise, ariko wewe nturi priorité

Narumiwe, yarasanzwe anankurira mumyaka, naciye ndamusezera, (kuko muvyo nigishijwe, ndubaha cane cane abankurira mumyaka)…ariko kubera atamaramara, kandi aziko atawize Bibiliya kumurusha, igihe cose, duhuye yambgira ko Imana igira neza.

Naciye ndamushira mumugwi wa ya mabingira yambaye urusato rw’Intama

Haraciye Imyaka, dusubiriye guhura, atanguye kumbgira ivy’Imana, namwishuye nti ntamana ibaho…muyandi majambo namubgiyeko atazi Imana…sinashakako antesha umwanya, nashaka ko twoyaga ibindi biterekeye ivy’Imana…kuko yavuga Imana ku munwa gusa, kandi nta n’ubgenge yagira butuma atanga inyishu idakomeretsa uwumwituye, muyandi majambo nta Mpwemu w’Imana yagira.

Yaciye akwiza hose ko nataye ukwizera….🙊

Abantu nkabo baba baziko ari abahinga muvy’Imana, kandi vy’ukuri atayo bigeze bamenya….bafise ishusho yokwubaha Imana, ariko ivyo bakora birayihakana….nta mpuhwe bagira….ntaboro n’abapfakazi baturukira irembo ry’abo…nabungere babi.

Abo ntibazo gutsitaze, kuko ntimusangiye urugendo