
Hoba hariho impamvu yotuma abarundi babura amazi meza yokunwa, cane cane ababa mu bisagara
Ntampamvu nimwe yumvikana, ituma tubura amazi.
- Kimwe mubintu abarundi duhaya ni amazi, kanatsinda isoko rya NIL riri aha mu Burundi.
- Uburundi bugizwe nimitumba ibihumbi, kandi iyo misozi izungutswe n’amasoko y’amazi… Igito c’amazi ya Rusengo cubakwa n’imifuko itarenga ibiri y’isima, …. None habuze iki?
- Uburundi buzungurutswe n’inzuzi n’imigezi ibihumbi: Malagarazi, Ruvubu, Ruvyironza, Mutsindozi, Nkokoma, Mpanda, Kaburantwa, Jiji, Murembge, waga, Dama, Kigira, …. None none sukwubaka urugomero hagashigwako POMPE ikoresha igitoro canke umuyagankuba uva kuzuma, amazi bakayazungurutsa imitumba yose igize igihugu?
- Dufise ibiyaga mu buraruko bg’igihugu….none si POMPE ikenewe gusa, habuze iki?
- Dufise ikiyaga Tanganyika, cakabiri kwisi, none tubura amazi bigenze gute? Haruwo numvise avugako amazi yagenewe abanyagisagara ca Bujumbura yaheranye na 2005 None Tanganyika yarakamye station de pompage yokubakoroni, abe ariyo tuguma duhanze amaso
- Dufise imvura igwa neza, amezi 9 kuri 12 agize umwaka, none uwo mugisha duhabga n’Imana tuwukoza iki?
None nimba REGIDESO idashoboye guha amazi abenegihugu, kuberiki itorondera abagwizatunga bayifasha, bagashiramwo umutahe, inkengera za Tanganyika gushika Nyanza Lac, hagatondako ama stations nkuko abashinwa babigize kuri fleuve jaune?
Abarundi twari dukwiye gukena ibindi ntitwari dukwiye gukena amazi.
None nimba REGIDESO idandaza, KINJU, AQUAVIE…ziyirusha umutahe? Tuzoronka ryari icupa ry’amazi ryanditseko REGIDESO
Abari kukivi baze barerekana aho gishitse.