Umukenyezi yitwa Leonie Nizigiyimana yoba yarabesheye Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy HATUNGIMANA n’Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika Sylvestre Bagorikunda

Abo bategetsi babiri banditse amakete babeshuza amajwi amaze iminsi akwiragiza ku mihora avuga yuko bari mubamusahuye amafanga yo kugura inzu. Ni vyizako babeshuze ivyo babavuhako mu nyandiko mugabo ni bafate abo bagizi ba nabi. Abantu batandukanye bagize bati:

Ni vyiza yuko muriko muragabira kur’ico kibazo. Abantu bogera aho bibga 150 millioni n’abantu b’abarengarenge! Muri mwebge harimwo abakora mw’iperereza, abashingwamanza n’abacamanza mugabo umwe wese arihorera ngo ntawamwituye!!! Le Maire yokora ivyo abandi bategetsi bakora mugabo nta bu escrot yokora kanatsinda ntabuze aho akarura kandi n’umugabo azwiko ukudakorara mu bintu nk’ivyo
Mugabo rero mu gahugu karimwo abagabo abantu baribga mu bintu nk’ivyo bakaguma mu majambo gusa!
Uravye ukuntu vyagenze urya mugore yaribge n’abasuma bo mu rwego rwo hejuru. Hariho ngo nabo uhamagara uti ingo tubonane ndaguhe vyabindi akaza mumodoka y’ibiyo bitabona ari kumwe n’abapolisi, agaca atuma uyo yambaye igipolisi akaza ukamuha bakagenda. N’aho nyene wokwihenda ngo mwabonanye kandi utamubonye.
Mugabo rero ari jewe nanje ndi Umugenerali, w’umupolisi, nakuriye mu gisagara ca Bujumbura vyongeye nkaba ndi umukuru wigisagara, bakihenda bakanyagiriza ubusuma nk’ubwo bwabereye mu gisagara ntwara nta minsi ibiri yohera ntarabafata canke ngo mfatishe abo basuma kugira ngo iceyi kimveko. Naho vyoba bitanyerekeye nobikora ku neza y’igihugu n’abenegihugu.

Hariho abibaza yuko Abo bategetsi batari kwihutira kwandika amakete abeshuza yuko bati bishije urwenge ayo mafaranga, ahubgoko bari kwihutira kubanza gutanga umuco w’uko ubgo busuma bgagenze kandi bagafata n’izo nkozi z’ikibi zabiyitiriye zikongera zigakora ubgo bubisha. Abarundi barakwiriye gukunda Uburundi n’abarundi gusumba ibindi vyose na cane cane abategetsi bari mu mabanga ahambaye y’igihugu.