Umugambge CNDD FDD wakomeje kugira ibibazo vyinshi.

Kubera bahinduye igikubikubi abaserukira umugambge mu ntara no muma communes, benshi baciye bibuka amakuba uwo mugambge waciyemwo. Hari uwibukije abandi ati: “Abagumyabanga bamaze kwicwa, gupfungwa, guhunga no kwirukanwa mumugambwe kubera indyane zidahera zama mumugambwe CNDD-FDD ni benshi cane.
Reka ndabahe amazina amwe mwumve aka kamaramaza !
HUSSEIN Radjabu yakuwe yongera agapfungwa 2007 yagirizwa guhungabanya umutekano w’umukuru w’igihugu, ico gihe abashingamateka 22 bari bashigikiye Radjabu barirukanywe, Manasse NZOBONIMPA yahunze kubera iterabwoba yakorewe ariko ashira ahabona ubusuma bw’amahera agenewe kugura amakaye yo guha abanyeshure, mumwaka wa 2015 hoho kabaye akamaramaza umugambwe watakaje abantu benshi bivuye kuruko kutumvikana ko NKURUNZIZA yosubira guserukira umugambwe mumatora ico gihe hirukanywe benshi baranahunga. Murabo novuga nka Colonel Jérémie NGENDAKUMANA yahora ari umukuru w’umugambwe, Onésime NDUWIMANA yari umuvugizi w’umugambwe, Piyo Ntavyohanyuma yari umukuru w’inama nshingamateka, Docteur Gervais Rufyikiri yari icegera c’umukuru w’igihugu, Colonel Leonidas Hatungimana yari umuvugizi w’umukuruwigihugu, n’abandi benshi harimwo aba buramatari, ba musitanteri, eka uwo wese yavuga ko NKURUNZIZA yobisa abandi kuntebe y’umukuruwigihugu yaca akoregwako. Iruhande y’abasivire hari abasoda n’abapolisi bakuru bakomoka kuri CNDD-FDD bahunze abandi barapfungwa: Lieutenant général Guillaume Nabindika yarahunze, Général Major NIYOMBARE yaburiwe irengero, Général Major Juvénal Niyungeko batazira KIROHO arapfunzwe, Général Major Léonard NGENDAKUMANA yarahunze, Général Major Zenon Ndabaneze arapfunzwe, Général de Brigade Prime Ngowenubusa arapfunzwe, Général Major Jérémie NTIRANYIBAGIRA twatazira NYENYENYE yahavuye afatigwa muri TANZANIA 2017 aca aricwa. Général Adolphe NSHIMIRIMANA nawe yapfuye arashwe biturutse kurico kibazo catewe n’amatati ya 2015.
No munyuma hari Abagumyabanga bagiye barapfungwa abandi baranyuruzwa nka Honorable Afsa Mossi yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu yarashwe 2016, umurwizatunga Léopold vyavugwa ko yegereye Radjabu yanyurujwe. Hari na Colonel Miruho Jean Baptiste batazira Miros apfunzwe, Colonel Bahati Nestor batazira Sadepa apfunzwe, Lt -Colonel MUPORO…
none raba nubu izo ndyane ni urutavanako, atagikozwe ngo habe umwumvikano ndakurahiye abazopfungwa, abazohunga, abazicwa ntibashobora.
TWIKEBUKE
Jewe izi ndyane zirambabaza Ndibuka tukiri kurugamba ukuntu nahatswe kwicwa kabiri kose ubwambere nkagomba kwicwa na RUYEGO hama nkagomba kwicwa na NDANGA kubera indyane ataho zifatiye”

Umuhinga n’uwomenya Ivyo vyose ico bivako.