

Hariho abantu banezerwa bumvirije umutumwa Isidore Mbayahaga avuga n’abandi babibonamwo ugusamaza no guteranya Abarundi na cane canke abari ku butegetsi kugira ngo bamarane. Hari uwagize ati ni IKIRIRAHABIRI.
1. Haraheze imisi hariho intagondwa, zigwanya Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu…ivyo barementanya bamwagiriza murabizi muravyumva. Womengo SE arakengeretse kuburyo atofata ingingo nimwe, zose zifatwa n’umugore wiwe.
2. Haraheze imisi kandi bivugwako Bunyoni ivyo yakoze vyose yavyohejwe n »umugore. None hagati ya Première Dame na muka Gen Bunyoni, Mbayahaga ariko avugande? Abavuga Bose, kugira abacange. Abatazi ubgenge bakamufana, bakamuhayagiza. Arazi gukamisha situation nacane cane mubantu batiyumvira. Izonyigisho ziwe zikwiye guhagarikwa
3. Iyo ariko araca imigani ya ba Maconco, y’ibifyoti avuga n’indagala ziboze bakwiriye gukura mu mifuko mu zindi bakazita aba ariko arabiba amacakuriri n’urwanko.
Wumvirije ubutumwa bg’uyo mukozi wewe ubitabira gute?