
“Kuva muri iri ci tugiye kwinjiramwo, umuhana wose kuri buri mutumba utegerezwa kuzoba ufise umurima upima n’imiburiburi imetero 20/10. Ni itegeko. Umunyagihugu wese ategerezwa kugira inguvu zo kuvomera umurima kurya avoma amazi yo kwoga. Mbere bizonafasha gukurikirana abana bahora birirwa gukina mu gihe c’uburuhuko. Uwo mugambi uzosuzumwa kuri buri mutumba »
Ivyo n’ivyashikirijwe Na nyakwubahwa #Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi #Gervais #NDIRAKOBUCA kuri uyu wa 11/5/2023, mu nama yagirishije abajejwe intwaro mu ntara no mu makomine barikumwe n’abarongoye uburimyi, ubworozi n’ibidukikije
Iyo nama itunganijwe mu ntumbero yo kurabira hamwe uko irima ry’impeshi ryagenze no gutegura irima ryo mu ci
Ku bijanye n’umwavu, #Umushikiranganji wa mbere arahumuriza abarimyi ko batazogira ikibazo c’umwavu kuko uriho kandi ukwiye.
Ngo ntihagire rero uwuhava asaba mwinshi atinya ko yohava abura uwo mu kiringo gikurikira.Uvyakiriye gute kuba ugiye kurima uwo murima no kuba Umwavu wabonetse ku bwishi?
Abantu baraheza bakibaza bati Uburundi bgoba bufise abahinga mu ndimo bafata ingingo canke ni abanyepolitike bafata ingingo z’ivyerekeye ivyo uburimyi bakaziha abahinga b’uburimyi! Hari abahinga muvyo indimo babona yuko iyo ngingo ije ishira urusyo ku gakanu k’abarundi kubera imvo nyinshi.
Mugufata ingingo nk’izo boba bazo yuko mu ci isi igaduka ku buryo amazi uvoma ku mutwe adashobora no guhaza igiterwa kimwe gusa?
Boba bazi yuko Abarundi benshi bavoma abazi bayakira kure kandi bakayadugana imisozi mirenire?
Boba bazi yuko hariho imiryango idafise ibivomesho bikwiriye vyo kudugana amazi kuja kuvomera isi?
Boba bibaza yuko hariho imiryango igizwe n’abana n’abageze muzabukuru bafashobora kurima utwo turima canke ngo banashobore kuvoma?