Abarundi baguma bibuka yuko bakenyereye ku bisebe bitaravurwa.

Hari mwijoro rya 10 rishira 11/5/2018 aho Ku mutumba wa Ruhagarika harwa ibara.

Ico gihe hari igihe c’isaha zine zijoro aho abantu bari bateramye abandi bamaze kuryama bumva abandi babona abantu baje bambaye impuzu zigisoda baza kwibarabara rikuru Bujumbura Cibitoke, batangura kubwira abari bateramiye kwibarabara ngo nimuryame hasi mwese baca batangura kubarasa abandi bari bamaze gusinzira biciwe mwitiro bishe badatandukanya abana, abagore abatama nabatamakazi abo bose bishwe batazi ico bazira, abakoze iryo bara bahejeje icabazanye bifatiye akayira basubiza iyo baje bava mu gihugu kibanyi ca Congo nta musoda w’igihugu yigeze atabara kandi position y’igisoda yari ku metero 400 gusa, abashika 26 nibo bishwe nayo abarenga 30 barakomereka leta y’Uburundi ntiyareze amaboko yarabakurikiranye hari abafashwe bamaze gukorwako amatohoza bavuzeko ari abarwanyi b’uwitwa Alexis Sinduhije ngo niwe yabatumye kugandagura abantu bo kuruhagarika.

Kuva 2018 impfuvyi, abapfakazi, abamugaye bose bararindiyeko uwabahekuye yoshikirizwa ubutungane bwaba mpuzamakungu canke ubwo mu gihugu amaso yaheze mu nzira.

Hariho amasanamu ubona y’ibgicanyi bgakozwe n’abarundi kuri benewabo bigatuma umuntu wese yipfuza yuko Abarundi bogirirwa imigirwa yo gukira (psychothérapie) naho abategetsi b’igihugu baguma babirenza amaso.