Kayanza: Abana 2 bishwe na se wabo.

Ayo mafoto ni iciyegererezo gusa s’abo bishwe.

Abo bishwe ni Omer afise imyaka 4 na Mireille w’imyaka 6, bose bishwe mw’ijoro buca ari kuri uyu wa 11/05/2023 bacumiswe imbugita na se abavyara azwi kw’izina rya Bucumi Fidèle batazira Ninja afise imyaka 48

Intandaro y’amatati nuko uwo mugabo yagiriza umukenyezi wiwe Nyabenda w’imyaka 30 ko abo bana 2 yabavyaye hanze. Uwo mugabo akaba yishe abana abuze umugore wiwe kuko yari yahunze hakiri kare abonye umugabo yashavuye cane nkuko amakuru atandukanye atangwa n’ababanyi buwo muryango ufise abana 7 bose baba ku mutumba wa #Gihororo muri komine #Gatara aho iryo bara ryagwiriye bavyemeza

Abajejwe intwaro n’umutekano bariko bagira amatohoza ariko uwishe abo bana yaciye ahunga ntarafatwa

Uburundi bgacu burakwiriye gusubirwamwo gutunganywa gushasha kugira ngo imico n’imigenzo y’ikirundi ibungabungwe, n’ingo n’imiryango bikingirwe.