
Paul MIREREKANO Intwari yahamwe
Paul Mirerekano yari umwe mu bafundi b’indimo Uburundi bwatanguye kuronka. Akaba uwambere yatanguje umugambwe UPRONA agaharanira agateka k’Abarundi batobato. Agashigikira kandi intwaro ya cami. Maze ivyo bikababaza cane Jean Paul Harroy yatwara Urwanda n’Uburundi. Harroy yaciye amurungika gukorera mu Rwanda ariko Mirerekano ahitamwo gutanga imihoho mu kazi yahawe ku ntwaro y’Abakoroni. Harroy yahavuye amuhamagara mu biro vyiwe kugira amuhendahende asubire gukorera reta mbirigi, Mirerekano avyanka yivuyinyuma. Ikonte yiwe yo muri banki yaciye yugarwa kw’itegeko rivuye hejuru kwa J. Paul Harroy. Kubera Mirerekano yafatwa nk’inkingi idasanzwe ya UPRONA, intwaro y’Abakoroni yaciye itegeko ryo kumufata. Kuva ubwo yaciye atangura kubaho rwihishwa, Abatware babarigi ntibasubiriye kumenya aho yarara.
Kuwa 30/6/1960 Rwagasore na Mirerekano baratumiwe mu birori vyo kwikukira kwa Kongo (RDC). Ariyo bari, bumvise ko Ababirigi bazohava babapfunga bagarutse mu Burundi. Kubera ko Mirerekano yaronderwa cane, Rwagasore yaciye amubwira ko yosigara i Kinshasa, umugambwe UPRONA ukazoramurihira amahera y’ihoteri. Ariko rero ntiwabishoboye. Kuko imbere yuko Nyerere atangura gufasha UPRONA, amahera yaja mu kigega c’ umugambwe yava mu mupfuko wa Paul Mirerekano. Uwitwa Jan SCHOONJANS yarashigikiye ivyuyumviro vya UPRONA yaciye amuha aho aba mw’ihoteri yiwe kuva mu mpera z’ukwindwi 1960 gushika mu matora yo mu kw’icenda 1961. Ni nawe yamurihiye itike arataha. Mirerekano yararonderwa cane, inyuma y’urupfu rwa Lumumba, yaguma ahindura ubuhungiro akaja no muri Tanzaniya.
Inyuma y’intsinzi ya UPRONA, Rwagasore yarateguye umunsi mukuru wo kwakirana icubahiro Mirerekano yaravuye mu buhungiro. Rwagasore yavuze ko yipfuza ko Mirerekano yocaba umukuru w’umugambwe kubera ko yarakunzwe n’abanwanyi ba Uprona kuva hasi kugera hejuru. Mugabo rero Rwagasore amaze gupfa kuwa 13/10/1961, ibihangange vy’ico gihe Andre Muhirwa, umushikiranganji wa mbere yasubiriye Rwagasore n’umushikiranganji w’intwaro yohati mu gihugu Jean Ntiruhwama baciye bavuga ko bitokunda ko umugambwe utwarwa n’umuhutu. Ivyo vyaciye bivyara urwanko hagati ya beneburundi. Haca hatangura ikumirwa ry’Abahutu. Mu biganiro vy’i Arusha, Nyerere yashikirije ko Mirerekano yankiwe gutwara UPRONA Kubera ubwoko bwiwe. Ngayimpenda avuga ko, kugira Andre Muhirwa aburagize imigambi ya Mirerekano yaciye afata ingingo mu kwezi kw’umunani 1962 ko umurwi wa kera watwara umugambwe ariwo wofata uburongozi. Ico gihe Muhirwe yari icegera c’umukuru w’umugambwe acaba mukuru w’umugambwe w’imfatakibanza. Mirerekano acaba umunyabigega.
Kuwa 25/8/1962 Mirerekano yarafashwe ariko araja ku kibuga Prince Louis Rwagasore, abesherwa ko yatumyeko ikoraniro ryo gusaba ko hoba amatora y’umukuru w’umugambwe, ngo yongera anegura ubutegetsi bwa Muhirwa. Yaciye ajanwa gupfungwa mw’ikambi y’abajandarume. Ku mugoroba abajandarume baragumutse baramurekura acaherezwa n’abashika 50 bamugeza i muhira iwe. Bukēye umwami yaramutumako ku kirimba. Umukuru w’igipolisi w’ico gihe, Pascal Magenge yavuze ko yafashe Mirerekano kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Jean Ntiruhwama.
Amatora y’umukuru w’umugambwe yahavuye abera i Muramvya kuwa 14/9/1962. Muhirwa na Ntiruhwama baciye bayiba. Abaserukira intara ya Rutana na Ruyigi baribashigikiye Mirerekano barankiwe kuyitabira. Vyanditswe na Ngayimpenda. Umushikiranganji Pierre Ngunzu yaciye atanga itegeka ko ata muntu n’umwe atunze imodokari yohirahira akava muri izo ntara. Umushingantahe Boniface Kiraranganya yararongoye igendereza ico gihe, yemeza ko yatanze itegeko ryo gusaba murekarengane k’umurundi wese yaja i Muramvya k’uwo munsi w’itora. Kandi ngo yariyashizeho iperoto zitatu z’abaporisi kugira abuze Abanyaruyigi n’Abanyarutana kuja gutora.
Caciye kiba igihe kitoroshe cigiza kure intwaro rusangi mu mugambwe UPRONA. Vyateye ukwigabura mu mugambwe. Bizana ukutumvikana mu bashingamateka ba UPRONA, bacikamwo imirwi ibiri. Bamwe baja mw’ibaba ryitwa Casablanca abanda mu ryitwa Monrovia.
Kuwa 26/2/1963 Mirerekano yaratawe mu mvuto avayo kuwa 17/7/1963 kubera umwami amurekuje. Kubera guhohoterwa yarasubiriye arahungira i Butare mu Rwanda muri ruheshi 1964. Ariko rero kuwa 10/5/1965 yaratsinze amatora yo kuba umushingamateka wa Bujumbura kandi yabaye ari mu buhungiro. Umugore wiwe Catherine Siniremera niwe yamwiyamamarije akoresheje ifoto yiwe. Yagira ati: Nguyu muramuzi mwese, yarantumye kubabwira ko abasaba amajwi yanyu >>. Yaciye aba icegera c’umukuru w’inamanshingamateka. Kw’igenekerezo rya 19/10/1965 yarafashwe kw’itegeko rya Michel Micombero. Yaciye yicirwa hamwe n’abandi bashingamateka 20 nka bose b’abahutu ku kibuga Prince Louis Rwagasore kuwa 25/10/1965. Ikinogo batawemwo ntikizwi.
Paul Mirerekano yaribagijwe k’uruyeri k’urwenge yagirizwa ko yivanze mu bwicanyi bwabaye mu 1965 i Busangana, komine Bukeye intara ya Muramvya. Ariko ngo bwabaye yamaze gupfa.