Umutekano: Amatelefone badashiramwo amafaranga bibaza yuko afasha ukingira umutekano.

Amaterefone 6457arimwo ama unités adahera niyo yahawe ba musitanteri b’amakomone yose agize igihugu, aba komiseri b’igiporisi mu ma komine, abarongoye amakambi y’igisoda ku rwego rw’ama komine, abarongoye imitumba n’ama karitye mu gihugu cose ,abakuru b’amazone yose hamwe n’abaporisi bajejwe umutekano ku mitumba .

André Ndayambaje, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n’umutekano avuga ko izo terefone zatanzwe mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano kuko bizo kworoha guhanahana amakuru. Agasaba abayahawe kuyakoresha ico yagenewe kandi no kutazitiza abandi.