Umurundi avunja mu Bugande yibge n’abapolisi icumi

Uganda : abaporisi 10 bagirijwe kwiba umuvunjayi w’Umurundi imiriyoni zirenga 146 z’amashiringi y’amagandaIgiporisi c’i Kampala cahagaritse abajejwe umutekano 10 nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru Daily Monitor kw’itariki 5 Rusama 2023, bagirizwa gutwara amafaranga angana n’imiriyoni 146 z’amashiringi y’amaganda igihe bari bagiye gufata abagizi ba nabi bivye umuvunjayi ava mu Burundi imiriyoni 407 z’amashiringi y’amaganda. Aho hari kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza uno mwaka.

Abo basuma bivye uyo Murundi bari kuri moto bamushikura isakoshi yarimwo amadorare 110 000 (imiriyoni 407 z’amashiringi y’amaganda) igihe yari asohotse mu biro akoreramwo .

Uyo Murundi yaciye agwa igihumura, abari hagufi baragerageza kumuhembura bongera bahamagara igiporisi kiza gukurikirana abasuma.

Abo baporisi baje gutabara barafashe abo bagizi ba nabi ariko mu buryo budakwirikije amategeko, batamenyesheje ababakurira.

Bamaze kubafata baratoye amafaranga abo basuma bari basigaranye baca baramenyesha abo mu biro bijejwe iperereza.

Abo basuma bamaze kwumvirizwa, babwiye abariko barabumviriza ko ababafashe batanze amafaranga adakwiye bivanye n’ayo babahaye.

Patrick Onyango, umuvugizi w’igiporisi c’i Kampala, amenyesha ko abo baporisi bazanye amadorare 20 000 (imiriyoni 74 z’amashiringi y’amaganda) hamwe n’ama euro 120 (504 000 vy’amashiringi y’amaganda) mu gihe abasuma bo bemeje ko abaporisi babafatanye amadorare 50 000 (imiriyoni 185 z’amashiringi y’amaganda) hamwe n’ama euro 500 (imiriyoni 2.1 z’amashiringi y’amaganda) nk’uko vyemezwa n’uwo muvugizi w’igiporisi.

Kubera ukwo kudahuriza ku gitigiri c’amafaranga yafashwe, vyatumye igiporisi gita muri yompi abo baporisi.

Mu gisagara ca Kampala, ubusuma nk’ubwo bwiyongereye ibice 30% kuko mu mwaka w’2022 ubusuma 6 854 nibwo bwamenyeshejwe igiporisi. Mu 2021 naho, hibonekeje 5 275 muri ico gisagara nyene.