Ikigo BBN caraye gitoye aho abantu bavanga isima n’ivu bakongera bakayigurisha.

Amahoro, aho ni muri quartier asiatique aho BBN yaraye igunduye abantu bafata iciment ya Buceco bakayivanga nibivu hanyuma bagasubira gufunga umufuko gutyo bakaranguza.birababaje cane kubona abantu birirwa barubakisha ibivu inzu zikagwa kubantu kumbe hari abakora ijoro n’umutaga mugu pilata iyo ciment mwomenyako hari stock nini y’imifuko irenga 400

Abantu bakora ibintu nk’ibi boba bibaza yuko uwuyiguze aja kuyubakisha inzu y’agaciri canke ibindi bikorwa vy’iteka! Ubu benshi biruka no mubona ikibajamwo gusa. Ntibanxezwe ineza y’abandi canke ineza y’igihugu.

Ibi ni ibimenyetso ntarengwa yuko imico n’imigenzo y’igihugu yatitutse ku buryo atagikozwe Abarundi ataho botanira n’inyamaswa zimwe zimwe. Indero nziza y’abana b’Uburundi ikwiriye gusubira kwigishirizwa mu ngo n’imiryango, mu mashure no mu mashengero, no mu bigo vyose biri mu gihugu kugira ngo tugoboke igihugu cacu.