Ubutare bg’Uburundi nti bgimbga neza ngo bucungerwe kandi bushirwe neza.

Kayanza : Abakora forode y’ ubutare bahinduye umukenyuro

Abo bakora magendo y’ubutare muri komine Kabarore muri Province Kayanza ngo bariko barahindura imikenyuro. Mu gihe ngo bahora babuvana aho i Kabarore babujabukana mu Rwanda, ubu ngo babanza guca mu gisagara ca Kayanza kugira binyuranganye mu zindi ntara, gutyo bashobore kubujabukana badaciye i Kabarore.

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Vincent Ndagijimana ajejwe ibikorwa mw’ishirahamwe COMEBU ryimba ubutare muri iyo komine ya Kabarore, mu gihe Buramatari w’ iyo ntara yari yagendeye iryo shirahamwe kugira arabe ko ryashize mu ngiro ingingo ya Reta ko ububiko bw’ubutare bugira amagufuri atatu ni ukuvuga iry’abajejwe intwaro, iry’ishirahamwe ryimba ubutare hamwe n’iry’inzego z’umutekano. Akaba yasanze vyarubahirijwe.

Ubutare ni itunga ry’igihugu leta yategerezwa gucungera neza kandi ikabungabunga n’ibibanza bgimbgamwo hakurikijwe amategeko yo kubungabunga ibidukikije n’amategeko yo kwimba no gushora ubutare bg’igihugu. Mugabo ubu biri mu minwe y’amashirahamwe akora uko avyumva, abenegihugu nabo bakironderera inyungu zabo uko bavyumva.