Isi y’Uburundi n’ubutare bg’igihugu ntibikingiwe bikwiriye

Mu ntara ya kayanza haravurwa abanyarwanda bavogera ubutaka bw’u Burundi bazanywe no gucukura ubutare ku ruhande rw’uburundi ku mupaka uhana urubibe n’igihugu c’urwanda muri komine #kabarore.

Ni muriyo ntumbero nyene buramatari w’intara ya kayanza Rémy Cishahayo ku musi wa gatatu Igenekerezo rya 17 rusama 2023, yagendeye aho habereye ico gikorwa muri komine kabarore muntara arongoye ubwo mbere amenyesha ko haherutse gufatirwa abanyarwanda batatu kandi bamaze gushengezwa imbere y’ubutungane abo nabo bakaba bafungiwe mugasho muntara ya Ngozi.

Buramatari Rémy Cishahayo, agasaba abanyagihugu gufasha canke gutanga amakuru mugihe hari uwo biketse canke babonye ajabutse urubibe aje kwiba no gusahura ubutunzi bw’igihugu cabo;aho rero murako gace hakaba haciye hashirwa ibirindiro vy’ abaporisi n’abasirikare bahacungera.