
Rumonge: Abakirisu batatu bahagaritswe n’ igipolisi inyuma y’ imishamirano ku rushengero
Hazindutse imishamirano kur’uyu w’ Imana mw’isengero bamwe bita Elayono abandi Christian Faith International Church (CFIC).
Abakirisu banse kwinjira mu rusengero biyamiriza umupasitori mushasha. Abo bakirisu basigurako isengero ryabo ari Elayono, ko ryigenga gutyo ngo ntibatahura ukugene ubuyobozi bwa CFIC bwokwaduka bukazana umupasitori asubirira uwabo bita « Mzee upako ».
Amatati hagati y’ indongozi, isoko rya vyose
Muyumbu Déo, aserukira imbere y’amategeko CFIC. Asigura ko pasitoro Mbonankira Jean Berchmans « Mzee upako » yagirizwa gukora atisunze ukwemera kw’isengero CFIC. Anamwagiriza kandi kuba afise umugambi wo kwubaka isengero mu rindi. Kuri ivyo ngo bahisemwo kumuhindura batako ngo baranabimenyesha ababijejwe.
Iyo mishamirano yatumye abakirisu batatu bahagarikwa n’ igipolisi. Uko ari abagabo, bose bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’ igipolisi ca Rumonge.
Mu bintu vy’amashengero harimwo abanyamanyanga, ubusuma, ibiturire, akajagari, ubgicanyi n’ubundi bukozi bg’ikibi. Amategeko agenga amashengero mu gihugu cacu asa n’ayatomoye ariko ntaryohoye kandi abajejwe kuyashira mu ngiro basa n’abatazi ivyo bakora.