Wirinde abakubarira ngo bakeunguruze mu modika yabo, ubusuma buri kwinshi.

Mutakura: Hari inkozi z´ikibi ziyitirira imiduga ya Reta mu kunyuruza no kwiba abantu zibicishije mukwunguruza abantu muburyo bwa Lift.

Ivyo nivyashikiye umusore twise AS mu gatondo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 19.05.2023, aho yaragiye ku mirimo yiwe ya minsi yose arindiriye bus imwunguruza gushika muri ville.

AS agira ati :nari kwibarabara ry’indwi aho benshi bakunze kwita kwa mwarabu ndindiriye bus, Aho haciye haza imodoka yo mu bwoko bwa V8 ifise ibiyo bitabonerana (fumé) ihagarara impande yanje Hama uwariko arayitwara yugurura agace gatoyi k’ikiyo ansaba ko yonyunguruza nanje ndemera.

Mu nyuma haciye akanya gatoyi ninjiye niho nabonye ko hari abagabo babiri bicaye inyuma nca ndabaramutsa ariko ntibanyishura nanje nca nibaza ati kumbure ntibanyumvise, inyuma y’ivyo rero umwe yampa lift naziye mbona akase nk’uwuja mu carama nanje nca ndamubaza ati none ko uhinduye inzira kandi wavuze ko ugiye muri ville? Niho yaca ambwira yuko ari uwo agiye guhitana imbere hanyuma Duce tugiramwo muri ville.

Agiheza kumbwira uko naciye ntangura kugira amakenga kandi yaciye atangura no kwongereza umuvuduko w’imodoka, muri ako kanya nyene ba bagabo babiri bari bicaye inyuma baciye bankwegera inyuma banshira hagati yabo baca batangura kunsopa banyaka itelephone, karangamuntu na badge y’akazi, isaha, n’ingodo.

Naragerageje kubikura baca bankubita ingumu munda nca ndatekana mu ngodo bantwaye hakaba harimwo amafaranga yababa kuri 45000Fbu, inyuma y’ivyo bahejeje kunsahura baciye bugurura umuryango imodoka iriko iragenda baca banterera hanze.

Nisanze ndimugahinga ahantu ata nzu zihari ata n´abantu baharengana nca mpura n’umugiraneza ndamubwira amakuba yanshikiye aca arampa amafaranga ansubiza ku mutakura yongera aranshikana kw’ibarabara aho imiduga irengana.

Nsavye abantu ko bomenya bakanamenyesha abandi k’ubukozi bw’ikibi bwo ku mutaga buriho kandi bumaze kwibonekeza bagabe kuko si mwijoro nk’uko benshi bavyiyumvira n´amasaha yose !