Mu gihugu haribonekeza ubusambanyi bg’ishano

Uretse yuko hari ibitavugwa cane nk’abavyeyi bashurashura n’abana bibarutse, abasangiye ibitsina bashurashurana hari n’abashirashuza ibitungano vyabo. None mwumva igihugu cacu kigeze hehe? Ivyo tudonfaguye bibera mw’ibanga. Ariko hariho ubundi busambanyi buba ku mugaragaro. Ugira gutya ukumva ngo: “urihuta duheze”? Ivyo ku rya 11 mu Kamenge Njebas bimubanye amayobera…

Ku rya 11 mu #Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, ibihakorerwa ntiwokwibaza ko ari mu bantu b’imico n’imigenzo vy’Abarundi. Usivye ko hari ubunywero na twa mushikaki tw’akabenzi turyoshe guteramirako, aho hantu muvy’ukuri haragisibije ku bakobwa badandaza umubiri. Hari ibibanza vy’abakiri bato, ivya ba nyamunini (bavyibushe) nk’uko hari n’ivy’abitereye mu myaka. Erega ngo bashimye kwigabura mu migwi kugira borohereze abaguzi!

Je Njebas nagize ngo ndahatemberera, ariko, uko nahasanze narajorewe! Hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Nkihashika gusa, nakiriwe n’inkumi ziyambariye uduhuzu two gusotora ibitsina gabo. Bamwe nabona bariko banywa inzoga, abandi batumura itabi, batambira umuziki mw’ibarabara. Nkijumarariwe, nza numva umukobwa wa mbere ngo: « Musore, urihuta none duheze? » Naramuravye ndabura ico novuga kuko ntarinzi ico ashatse kuvuga

Ariko ku ruhande naguma mbona haza abagabo n’abasore bakihereranya inkumi zimwe mu zihari nkabona barafatanye amaboko baragiye. Ivyo vyabaye kenshi, nanduruka nja kwigurisha akabenzi kugira ngo ndonke ingene mbaza ivyo ndiko ndabona. Uwo muyangayangaya yakize kwumva ikibazo canje, aca agira ati: « Aha ni ku kaguriro k’inkumi n’abagore b’idandaza imibiri.” Aca yongera ati: ”Abo bose ubona baguma bajana n’abasore harya bagiye kubihereza mu mahoteri canke ahandi umusore yateguye kubakirira”

Eka mbere ngo hariho n’abakobwa bipangiye inzu zabo mwumvikanye neza baca bakujana aho bapanze mugaherezayo

Umuhungu yariko acuruza amagi yumvise ivyo nariko ndabaza, numva aritwengeye. Aca ambwira ko abakobwa ndiko ndabona ari bake kuko twari duhagaze ku kirindiro c’abakiri bato, kandi bataramenyera ico yise « umwuga ». Ati: “Abenshi ni abahevye amashure baza baje gukora ubuzi bwo mu nzu bukabananira.