
Igisirikare cu Burundi catangaje ko bimwe mu vyavugiwe kuri televiziyo y’u Rwanda birega ingabo z’u Burundi ziri mu ntara ya Kivu ya ruguru muri DR Congo “gutoza” no “guha ibirwanisho” imitwe y’inyeshamba ari “igitutsi gikomeye” ku ngabo z’u Burundi.
Mw’itangazo ryasinywe n’umuvigizi w’igisirikare cy’u Burundi Col Biyereke Floribert, yavuze ko abavugiye ivyo kuri televiziyo y’u Rwanda “bifise intego yo kuyovya abantu”.
Mu kiganiro Ishusho y’Icyumweru cyaciye kuri Televiziyo y’u Rwanda ku cumweru “cyashize tariki 14 Gicurasi cyagarukaga ku bikorwa by’ingabo za Africa y’Iburasirazuba (EAC) muri DR Congo, umusesenguzi Jean Baptiste Gasominari yashinje ingabo z’u Burundi ziri muri teritwari ya Masisi gukorana n’imitwe yitwaje intwaro.” Amakuru ya BBC
Yagize ati: “Ibigwi bafite ni ugutoza FDLR na Nyatura no kubaha intwaro, no gukorana nabo”, avuga ko ari yo mpamvu Perezida Félix Tshisekedi ngo yavuze ko adashaka ko ingabo z’u Burundi zihava kimwe n’izindi ngabo zo muri EAC.
Ivyo vyashikirijwe kuri television yu Rwanda ni igitutsi atari ku ngabo z’Uburundi mugabo ku gihugu c’Uburundi case kandi vyategerezwa kugira ingaruka kuri ivyo bihugu kugira ngo ivyo bintu vyo kwagirizanya bihagarare, ivyo bihugu vyubahane.