Bimwe mubituma Uburundi budatera imbere ni ukubera biba abarwizatunga mvamakungu kandi n’ubutungane bugoyagoya.

Bujumbura hari abanyamahanga baheruka gusahurwa urukombamazi,uwari yabazanye gukorera mu Burundi nawe ubu akaba abarizwa mwibohero rikuru rya MPIMBA

Hari umurundi yitwa NDAYISHIMIYE OLIVIER Yazanye abarwizanye abarwizatunga mu Burundi kugirango bakorere mugisata c’Ikawa (Kuza barayigura),haca haba uwundi murundi yitwa Yitwa NIYONZIMA JEAN MARIE VIANNEY Yoba yaciye abegera yipfuza gukorana nabo kugirango aze arabafasha kubaronderera ikawa nziza ayibegeranira mubarimyi bo mumihingo itandukanye y’igihugu akaba yaciye abasaba ko bomuronsa amafranga y’Amarundi angana na 4Milliards Frbu nkukwo bigaragara mumasezerano bagiriraniye imbere yukwo bamuha ico gitigiri cayo mafranga yariko arabasaba.

Icakurikiye nukwo izo miliyaridi amaze kuzihabwa haciye hategurwa umugambi wo guta mumvuto NDAYISHIMIYE OLIVIER ari nawe yari yahamagaye abo barwizatunga kugirango bazane imitahe yabo mu Burundi,Olivier akaba yahavuye atabwa mumvuto yagirizwa icaha ca Escroquerie ubu akaba akwije amezi 10 afungiwe mwibohero rikuru rya MPIMBA i Bujumbura.

Procureur wa Mukaza ETIENNE NINGABA afadikanije na Procureur wa Cour d’appel MUKAZA NSENGIYUMVA ARISTIDE bakaba bavugwa muri ayo manyanga aho hari ivyemeza ko bagiye barasaba kenshi ko ayo mafranga (4Milliards frbu) yogaburwa hanyuma abo banyamahanga bagataha ukwo gutyo Ndayishimiye Olivier akabon kurekurwa ariko Olivier akaba yaranse ivyo ariko arasabwa nabo ba Procureurs babiri kuko avuga ko ayo mafranga atari ayiwiwe rero ko adashobora guhemukira abari baje bamwisunga mu Burundi kuharangurira imigambi.

Haravugwa kandi ko abo banyamahanga bahavuye batanga ingwati ingana na 110.000.000Frbu (Imiliyoni ijana na cumi) kugirango ubutungane bwemera kurekura Ndayishimiye Olivier aze araburana yidegemvya,ayo mafranga nayonyene yarariwe kandi icipfuzo cabo nticigeze gishirwa mungiro nabo bafunze Olivier.
Iyo ngwati (Caution) ikaba yahawe (yakiriwe) na Procureur wa MUKAZA ariko ikindi gitangaje nukwo iyo caution itigeze kuri Compte ya Leta iri muri mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB Ahubwo Yategetse ko Chèque yandikwa kumazina yiwe kugirango bikunde abemerere ivyo bariko baramusaba vyo kurekura vyagateganyo Olivier hisunzwe iyo ngwati yarahejeje kwakira.

NB:Ayo mafranga yayatoreye muri DTB mukugirango bayamuhe akaba yabahenze ko kuyacisha muri BRB vyari gutuma Olivier adaca arekurwa kuberako hari kumusi wa Gatanu akaba yabizeza ko bayamuhaye kumazina yiwe kwariho ivyo kurekura Olivier vyari guca vyihuta.

Barahawe Réçu yemeza ko bari bahejeje gutanga ayo mafranga yingwati kugirango OLIVIER arekurwe gutyo azoze araburana yidegemvya ubu iyo Réçu ikaba ifiswe numushingwamanza wa Olivier (BANDYATUYAGA WENSSLAS) Aho ibintu bigoreye muri iyo dossier nukwo nuwo mu Avocat wa Olivier nawenyene yahavuye aja mumugwi wabafunze Olivier ubu bikaba bigaragara ko ariko akorana nabo ba Procureur babiri kugirango bikunde Olivier baze bamugumize mumunyororo.

Muvyemeza twashoboye kuronka nukwo Procureur wa Mukaza ETIENNE NINGABA yemera ko ayo mafranga yingwati(caution) yayakiriye ariko agaca ahindukira akavuga ko atariwe afunze NDAYISHIMIYE OLIVIER gutyo ko ataburenganzira bwokumurekura afise ahubwo ko ari ukurindira ikizova murubanza.

Abaryango ba Olivier Ndayishimiye basaba umukuru wigihugu kubafasha kugirango umuntu wabo arekurwe,abo ba Procureur babiri nabo bagahatirwa gusubiza amafranga yose bamaze kwakira kubwiyo dossier kuberako bimaze kugaragara ko intumbero yabo ari iyo kinyaga urukombamazi abo banyamahanga no kugumiza Olivier Ndayishimiye mwibohero kugirango ukuri kwiyo dossier ntikuze kwigere kuja ahabona numusi numwe.