
KWIHANGANIRA IMIBABARO.
« Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
2 Timoteyo 2:3″.
Mubuzima bwa buri musi, umusoda wese iyo ari aba azi ko hashobora kwaduka abansi batera igihugu nawe bikamusaba guseruka,agatabara, akababazwa, mbere bibaye ngombwa agapfa kuko yaravyemeye.
Muvy’ ukuri na twebwe abasoda ba kristo niko dukwiye kuba tumeze: dukwiye kuba twiteguriye guca mu mibabaro
(gusuzugurwa,kubesherwa,gukena,kuvugwa nabi,…) kubwa kristo.
Ntivyoshoboka ko uhagararira ubwami bw’ Imana neza mw’ isi utiteguye kubabazwa kubwa Yesu.
Pawulo we yavuze incuro yakubiswe, ko yatewe amabuye,ko ubwato bwamenekeye munyanja,uburyo yabaye mw’ irinde ry’abiyita bene Data,…
Nimba koko warakurikiye Yesu, ukemera kugendandana nawe, ukwiye kuvyitegurira, ukamenya ko hari imibabaro uzocamwo kubwiwe.Kumbure uzobona abakurwanya,abakwanka ataco baguhora,abaguhama,…, kubaho ubizi bizotuma uguma ushikamye ni vyagushikira, hanyuma nivyahera uzosigara uhagaze,ube ubaye akarorero keza abandi bazokwigirako.
Ariko Imana ibana n’ abayubaha izoguha inkomezi, iguhe no kubona amahoro yo mumutima no mubihe bigoye,kandi izogutabara.
Turangirize kur’ iyi mirongo:
« Ivyo murabinezerererwa cane,nah’ ubu ari igihe gito mubabazwa n’ ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza.
1 petero 1:6″.
« Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza,no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa kumusi w’ amateka.
2 Petero 2:9″. Muhezagirwe.