Twatanguye indwi y’ukwezwa gose no kwiyegereza Uhoraho Imana

Hariho igihe Mpwemu w’Imana aza kuri twebge akururukira ku bantu bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana bari mu bihugu bitandukanye, intara zitandukanye n’abantu bo mu bicaniro vy’amasengesho maze hose akavuga ijambo rimwe risa ati: “Bgira umurongozi w’Ihanga nitoranirije abarire ubgoko bganje yuko iy’indwi ariyo kwiyeza no kunyegera cane.” Haraho Imana ica imubarira ico izokora akakitumenyesha n’igihe ataco we ataco atuarira.

Ni mur’iyo ntumbero iri tangazo rije rigana Abera bose n’Abarundi bose. Mu gihe c’amasengesho nk’aya, turabuzwa gutegura ingendo za kure, ingendo zo kuzinduka cane canke gutaha dutevye kugira ngo turonke umwanya ukwiriye wo kwihereranya n’Uhoraho Imana.

Kubera iki tutoyumvira kandi twamenye yuko ari Imana yavuze. Hariho abantu bari mu madini menshi batemera yuko ijwi ry’Imana ribaho. N’iyo habonetse uwuvugishwa baca bahaguruka bakarizivya. N’ukubera imvo nyinshi z’abanyamadini. Mugabo baba bihenze cane kuko hariho abo Imana yitoranirije bayumvira. Hari igihe Mpwemu Yera yatubariye ati semerera mubarire abantu bitegekanye ivya nkenerwa kuko iyo ndwi izobamwo intureka kandi abantu bazoterwa ama grenades mu gisagara hagati. Ico gihe vyagenze uko kandi niho benshi batanguriye kwubaha ubuvugishwa.

Iyo Imana ivuze ikintu, umuntu w’ubgenge akwiriye kucubahiriza.