
« Iruhande ya Bibiliya, bari bafise inkoho niyo banyibishije »
👤 « Nitwa G.N, mvuka muri Province Gitega muri komine ya Bugendana. Mperuka kwibwa n’abantu biyise ngo n’abakozi b’Imana. Haraheze nk’imishamvu ibiri ivyo bimbayeko.
Muri ino misi hari ubukene bw’igitoro, nari nduze iwacu ku gatumba kubera imvo z’akazi nshika kw’isoko kuri Cotebu ahari igituro c’imiduga iduga. Hari nk’isaha icenda zirenga. Za modoka z’amashirahamwe yo gutwara abantu zari zaheze bugica.
Niho rero natumbera harya imbere ya Cotebu ahasanzwe hahagarara imodoka ziduga z’abigenga kandi nazo nyene zari ku rushi. Erega nza mbona umugabo asa neza, yambaye « costume » n’ikaruvate afise na Bibiliya mu ntoke ambwira ngo « woba ugiye Gitega uze tudugane twe ko tugiyeyo mw’ivugabutumwa ? ».
Ca ndamubaza nanje nti : « Ni « lift » ushaka kumpa ? ». Niko kunyishura ko ndiha amahera 8 000 nkayo nari kuriha kuri « agence ». Mu mutima nibwiye ko ntomboye kandi ko njanye n’abakozi b’Imana.
Nkicinjira mu modoka, nasanzeyo abandi bagabo babiri bambaye ama « costumes » bagenda barasoma bibiliya babwirana ijambo ry’Imana. Bagakoresha n’amajwi umenga n’abapasiteri.
Mu muduga mwiza wo mu bwoko bwa Prado, nicaye neza akayaga gaca irya n’ino, amajambo y’Imana ari urutavanako nari niyumva neza cane. Ariko tugeze hepfo gato y’ahakorera ishirahamwe OBR, umwe aca avuga ko igitoro kitabashikana babanza kuja kwongeramwo ikiri mw’ikurudumu muhira.
Erega sinigeze ndanabikeka kubera amajambo y’Imana yabavamwo. Twaciye tugenda gushiramwo ico gitoro, twinjira mu rupangu runini ariko ata bantu ndahabona agatima gaca karakubita. Ndakebwa.
Burya iruhande ya Bibiliya basomamwo amajambo y’Imana hari inkoho yo mu bwoko bwa « pistolet » mbona bayikuyeyo bayinshira ku mutwe bati : « Zana ivyo ufise vyose utadyogoye na gato ».
Narihagazeko gato, ndabibarisha utuntu mba ntanguye gukubitwa, inca ndabaha amahera yose nari mfise (yari 250 000 BIF) na terefone zibiri n’ibindi bintu nari nduganye. Babonye ko ataco nkisigaranye baciye bamburuta banta hanze. Sinanavuze n’ibimbayeko kubera ubwoba. Naciye ndaba uwo ntira terefone mpamagara umugore ndamubwira antegurire itike, ko ngira ndabe ukundi nduga.
Erega yabanje kwibaza ko naciye mu bandi bagore bantwara amahera yose. Gusa mu nyuma yarantahuye.
Emwe kuva ico gihe, nta modoka itari « agence » ndugamwo canke ngo nemere « lift » y’umuntu ntazi. Kuko abo naziga ko ari abakozi b’Imana, bari ibisuma vy’ibisha Bibiliya »