President Evariste Ndayishimiye avugwako ibintu vyinshi.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avugwako vyinshi bitari vyiza n’abamwegereye uretse abasanzwe bagwanya ubutegetsi bgiwe. Muvyo yagirizwa harimwo yuko asanzwe aganzwa n’umukenyezi wiwe, uwo nawe akaba ariwe afata ingingo mbi z’igihugu, akaba anyuruza n’itunga ry’igihugu mu gihe Président Evariste Ndayishimiye kenshi yoba avuga amajambo menshi n’ivyo akora kenshi abitumwa n’ivyo aba yanyoye.

Umwe mubo bama bari hafi na hafi mu bikorwa vya minsi yose yoba yagize umwihwezo ati: “Nta mutegetsi n’umwe mu Burundi ataratabwa mu rudubi n’amajambo NEVA yavuze. Wewe wibwiyeko ugomba gushira mungiro ivyo yavuze uba wishize mu vyago kuko bukeye arakwihakana akagutuka akakugotsa kandi mutari buharire ng’umutsinde. Ni wumva ijambo avuze ntuzotwarwe n’ibishobisho, uzabanze wiyumvire uti abivuze ahejeje kwihereza amacupa angahe? Ivyavuze mu kanya gato aba yavyibagiye, wongeye kubimubaza canke kumwishuza, ntabura ingene yigovyora nka President ariko ufise ubwenge uba wumva nyene ko ataco wokwitega.

Reka nguhe uturorero, kuri birya vy’abadandaza mu masoko yabivuze yururutse indege avuye mu mahanga. inzira yose twarikumwe yaje yihereza amacupa ya champagne mu ndege twashitse amaze kunywa kuma whisky 3 y’ubgoko butandukanye ngo ariko arahonja yumve ubudasa yongere yige difference irihagati yizo njabuka, Twururutse abamenyeshamakuru baca bamubaza birya bibazo. …Rero twebwe nk’abanugendanira, tuba tuziko ivyo agire yishure bizakuba urudubi. Niyo mpamvu dutangura kwiyumvira ingene duhava tuza gusigura Ivyo yavuze kugira ntibiteze scandale mu gihugu.

Harya abavugizi n’abahanuzi n’abashikiranganji dufise igikorwa kitoroshe co kwama turondera insiguro tuza gutanga ahejeje kuvuga kuko iyavuze yagasomye avuga ibintu bigoye kwemera no gushira mungiro bitaba vyizweko niyo mpamvu tugumana insiguro hafi kuvyo yavuze, ubundi siko vyarikumera niwe yari kuduha intumbero ariko noneho nitwe duha intumbero ivyavuga.

Kuri birya vya pension, birya yabivuze avuye muri dîner yarahejeje gusoma kuka vinyu ka 45% d’alcool yanyoye uturahure 2, acazagutanga kirya kiganiro. Urabonako haciye hafi plus de 2ans abivuze n’ubu ntimwitege ngo bizoja mu ngiro vuba kandi harya yarahejeje kwigovyora ko yavuzeko yasanze bigoye akaba yarashizeho umurwi uriko uravyiga. Harya ni kurya nyene vyaraheze ni mpaka mandat irangire.

Muribuka ivya mpanda, avuga abanyuruje 53milliards nahone yabivuze yasomye ku gacupa. Muribuka mu kiganiro n’abenegihugu, mu mwaka uheze ingene yatukana kukibazo bamubajije, n’ubu yarabisubiriye haribibabazo umubajije kubera aba yarunyoye, ishavu rigaca riduga vuba n’imwe muma effets ya alcool. Burya twebwe abagabo iyo dusomye agacupa har’amajambo amwe namwe dushobora kuvuga tukayumva ukundi ndetse igahinduka dossier ndende ariko zikuvuyeko bikaba biheze. Rero harya n’ubgo atukana iyo zimuhezemwo yimereye neza murasubira mugatwenga akanibagirako yagututse imbere y’abantu.

Ni vyinshi nti two heza ikiyago ni vyinshi. Muri make uzokwemere ijambo rya Neva niyarivuga mu gatondo ataranywa canke bivuzwe n’umutambukanyi wiwe kuko ubu niwe mukoresha dufise muri présidence. Ivyo avuze n’ivyo bifise agaciro gusumba ibivuzwe na président! Njerina akubwiye ikintu nico ukora ubwambere ugahagarika ivyo wabwiwe na président kandi iyagarutse kukubaza ahugejeje ivyoyaguhaye ukamwishurako utabikoze kubera iyindi ndinganizo wahawe n’umutambukanyi wiwe ntakindi asunizamwo, aca yishura ati sawa bigire ukonyene. Ariko wihende wanke ivya Njerina ukurikize ivya Neva, buca kabiri ukumva hasohotse decret igukura mu mabanga kandi yasinyweko na Neva ubwiwe wibaze wariko urakora ivyo yagusavye gukora, atakosa washizemwo ukumirwa. Niyo mpamvu ubona président avuga abategetsi tukitwengera ariko Ngelina umugore wiwe avuze ntawutwenga biba biri serieux »

Abantu benshi basomye iki kiyago uwo mugendanyi wa President Evariste Ndayishimiye yakoze baremeza yuko ari ivy’ukuri igihugu ar’uko gitwawe babonye ingingo zifatwa, abakurwa mu kazi, abapfungwa n’ibindi. Kuvyerekeye ingingo zihambaye z’igihugu hariho ingingo ikarishe y’ivyerekeye ivyo intambara Abarundi barimwo muri RDC kuvyerekeye amafaranga umukuru w’igihugu yahawe n’ico gihugu n’ingene abasirikare barungitsweyo bafashe, hariho n’ibindi vyerekeye ingene umuryango w’umukuru w’igihugu uriko urihagira amatongo yo mu gihugu hagati, ukugura amazu munshi mu bisagara harimwo n’ihoteri yitwa panoramique yoba yaguzwe miliyaridi 34 bivugwa yuko yoba yasohowe mu kigega c’igihugu BRB, ivyo bikaba vyarateye icuka mu bantu, mu gihe igihugu cose kiri mu bukene nta ngere.

Duhanura Abarundi kumenya ingene bifata mu bihe bigoye na cane cane guhagararira ukuri. Igihugu cubakiwe ku binyoma kirasenyuka kandi gihitana beneco kuko banse kugisegura.