Abakenyezi baririmvye ururirimbo ruvuga yuko hariho inzara mu Burundi barahagaritswe.
Uwanditse iyo nkuru agira ati: abakenyezi batatu bo mu mugambge CNL: Ntakarutimana Clavera, Ndaruseheye Radegonde na Wizerimana Radegonde barahagaritswe bagirizwa kuba bararirimvye ururirimbo ruvuga yuko hariho inzara mu gihugu c’Uburundi. Ipfungwa ryabo ntiribonwa kumwe n’abantu batandukanye mbere bakanakoresha n’imvugo itaryoshe kuko nk’abashigikiye musitanteri wa Komine Gitega yabahagaritse basa n’abamushgikira. Umwe mu babonye iyo nkuru ku […]