Kw’isi boba baha ivyubahiro nk’ivyo umukuru w’igihugu, umutambukanyi wiwe nko mu Burundi?

Abarundi turi abantu batekereje mugabo biheza utuntu n’utundi. Turakunda kubazanya ariko hari igihe haba harimwo no kunegirana. Hariho ababaza yuko hari irindi hanga kw’isi riha ivyubahiro nk’ivyo umukuru w’igihugu, umutambukanyi wiwe. Hariho n’abashika kure bakavuga yuko basomye amabgirizwa yanditse agenga igihugu cacu eka n’ayandi ngenderwako agenga n’izindi twaro zo kw’isi, abo bakavuga yuko bitabaho ahubgo […]