Intumbero yacu ni ukugororoka kugira ngo tuzoshike mu bgami bg’Uhoraho Imana.

NTI MUBE MU BANTU BITIRANYA IVYANDITSWE VYERA N’IMIGIRWA Y’IGIPAGANI. Hariho abibaza yuko Bibiliya yamuka i Roma abandi bakibaza yuko yamuka muri Etiyopiya canke muri Egiputa. Bibiliya ni ijambo risigura igitabo. Ico gitabo cahumetswe n’Uhoraho Imana.Imana ikoresha abantu ibanza gucisha muri vyinshi. Uretse Yosefu na Daniyeli babanje guca mumakuba menshi hanyuma Imana ikabagira abaganza, yabanje gutuma […]