Umutekano: Abantu bambaye umwambaro w’Igisirikare c’Urwanda barateye abasirikare b’UBurundi.

Ikirindiro c’abasirikare b’Abarundi c’Imarura mu ntara ya Cibitoke mu Kibira gihana urubibi n’igihugu c’Urwanda caratewe mw’ijoro ry’uwa 17/11/ 2019. Mu basirikare 92 bari kuri ico kirindiro 15 nibo barokotse na 8 bamaze kumenyekana yuko bakomeretse 69 nabo ntawuramenya yuko boba bakiriho. Ariko amakuru dufise n’uko benshi muribo bishwe harimwo major Reverien Ngomirakiza yararongoye ico kirindiro. […]