Intahe: Ugusenga guhindura ibihe kukanahindukiza imigambi y’abana b’abantu.

Muri uru rugendo rw’Ihanga Ryera ry’Imana rwo kugendana n’Imana ku munsi ku munsi twabonye vyinshi. Twarabonye ibimuga bimugururuka, abagwaye indwara za Sida na Kanceri zikira, ingumba zigasama n’ibindi bitangaza vyinshi bikoreka kandi n’ubu tukiriko. Aba mubona ngaha bari kumwe n’uyu mukenyezi baramaze iminsi basengera umutwaro werekeye umugabo yataye umugore wiwe ngo n’uko akijijwe arongongora uwundi. […]