Iyo dusenga dusengere abanyengabire kuko barageramiwe na satani.
IGIHE COSE USENGA USENGERE UBUGINGO BGAWE KANDI WIBUKE NO GUSENGERA ABANYENGABIRE. Ugusenga ni ikirwanishwa gihambaye abantu benshi bataramenya ibanga ryaco. Kwama dusenga bituma Uhoraho Imana amenya vy’ukuri yuko tumuhoza ku mutima. Iyo dusenga twejejwe, Uhoraho Imana aratega ugutwi amajambo akanwa kacu katura hanyuma agatanga inyishu.Ugusenga twejejwe ni inzira y’ubushobozi budasanzwe bgo kubohoza ibiboshwe no kugaburuza […]