


UMUKRISTO WESE AKWIRIYE KWIYUBARA MURI IBI BIHE NTAJANE NYABAHURURU MUVYO YUMVA.
Aho twariko turasenga, dusengera umurimo w’Uhoraho Imana, dusengera abakozi n’abera bose; Uhoraho Imana yururutse avugana natwe kandi atwereka ibintu bihambaye. Naciye mbona umuntu afata akantu arakayoza amavuta agomba atangure kuyasiga mu ruhamba umurongozi w’Ihanga Ryera Ry’Imana naciye numva ijwi rituragara rivuye mw’ijuru rivuga ngo « Mutwaye amabanga mu nzavya ni mwiyubare abahemutse ntibabameneshe » haca hatangura ico gikorwa co gusiga ayomavuta n’abandi.
Umu-Kristo wese yihanye akabatizwa akezwa arakwiriye kwiyubara cane muri ibi bihe ntajane nyabahururu n’umuntu wese yumvise ngo avuga ubutumwa. Hari abantu benshi bitwa abakozi b’Imana, wumvise amajwi yabo ukumva n’ingene bigisha uca ugira uti uyu avuga ukuri ugaca uja narwo ukamukurikira. Ntumenya yuko impwemu agusukamwo atari Mpwemu y’ukuri. Ni ugusuzuma neza ibikorwa vy’abakozi b’Imana ingene babayeho, ivyo bavuga n’ivyiyumviro vyabo iyo batariko barasigura mw’isengero. Niho umenya umuntu uwariwe.
Abantu benshi barashobora kumara imyaka n’imyaka bigishwa ubutumwa bgo guhinduka n’umukozi kanaka mugabo ntibigere bahinduka canke ngo ikirengeti co kutabona ukuri kibave ku maso kubera yuko mwene uyo mukozi ataba we nyene yarahindutse ahubgo agatera abasukamwo impwemu mbi ziri muriwe kandi avuga amajambo meza.
Benshi baba batanguye neza hanyuma bakavangirwa mugabo bakaguma bakorera Imana kandi baraguye. Hariho ibimenyetso bikuru bikuru bizobakwereka:
- Bereka abantu yuko Imana ishobora kwihindukiza mw’ijambo kuko bayitegetse. Bibagira yuko Uhoraho Imana ari ukuri kandi yuko n’ijambo ryayo ari ukuri kudahinduka. [Abaroma 11:29]
- Bemeza abantu yuko Imana ibatwaza ibitabo canke bakayitwarira mu kwaha kwabo kandi ivugana n’abo bonyene. [Ivyakozwen’intumwa 4:24, Yesaya 46:9]
- Bishira hejuru bakibagira yuko Imana ariyo ishira umuntu hejuru kandi yuko ariyo imukorora, ntibibanga kwararaza bagenzi babo mu binyoma canke gutuka abizera n’izindi ngeso zo gukandamiza abandi kugira ngo babereka yuko aribo bonyene bashoboye. [Yakobo 4:10]
- Barivuguruza kenshi canke bakavuguruza ijambo ry’Imana. Uwushatse yuko babiganirako bagaca bakaza amashavu, bagatukana kugira ngo berekane yuko ari intahangarwa. [1Yohani 2:27, Abikolosayi 2:8]
- Bakunda amaronko n’ivyubahiro bagashaka kuba abanyabigega, n’uwo bafashije baba bagomba kumugirako ubushobozi kugira ngo bamutegeke kandi bamutwaze ituntu. [Abahebulayo 13:5-15, 1Timoteyo 6:10, Abaroma 12:10]
Mwene abo uca ubona yuko ata kuri bafise kwabanyereranye ntibabimenya kandi yuko impwemu basuka mu bantu ari izo ubgibone, gucokorana, kurahira, urwanko n’izindi mpwemu zotuma batibanga icaha iyo biherereye. Umukozi w’Imana w’ukuri arangwa n’urukundo, uguca bugufi n’uburwaneza.
Aba-Kristo turakwiriye kuba maso tukibanga kuko ibintu vyose bitukura si amaraso kandi ibisa n’umuhondo vyose si inzahabu. Ni ukumenya impwemu iri mu muntu yitwa umukozi w’Imana iyariyo ntiwumvirize ivyo avuga gusa kuko ijambo riherekezwa n’impwemu y’uwurivuze. Hariho ibintu ushobora gukora kugira ngo ntiwandukirwe n’impwemu mbi ziva mu bavugabutumwa bamaze kuvangirwa canke bamaze kurwa: - Wame usenga usiguze Imana yuko uwo mukozi ahagaze neza mu Mana uretse akarimi kiwe kuko hariho indyarya nyinshi n’amabingira yigira intama.
- Wizere ijambo riri muri Bibiliya Yera ryahumetswe n’Imana, ntiwizere amajambo wumvana abantu. Benshi bigisha insaku canke ivyo basoma ku mbuga.
- Senga wugaza amajwi ya satani n’ururimi ruvuga ibitava ku Mana canke abantu bavuga amajambo meza mugabo bagasuka impwemu mbi mu bantu.
- Ntiwinjire mu bihari na mwene abo kandi ntimuterane amajambo ngo mwinjire mu mitongano kuko vyogutirimutsa. Gumya ururimi rwawe, Imana izokwirwanirira.
Twame twibuka gusenera abakozi b’Imana bagihagaze kuko si benshi n’abahemutse tubasengere Uhoraho Imana yiyerekane. Twame twihana, twezwe, duce bugufi kugira ngo dushobore kwamamaza ubutumwa bga Yesu Kristo.