Abera bose turiko turasengera abizera bose Imana ibatabare.

ABERA TWESE DUSENGERE ABIZERA BOSE UHORAHO ABARASIRE UMUCO WIWE KU MURANGO NO MW’IJORO

Umuntu wese, uko angana kwose n’ivyo akora vyose n’ico yitwa cose arashobora kuraswa umwampi na satani akavangirwa, agafatwa n’ubgibone, ishari n’inzigo abantu bose bakabura aho bamubonye. Umukozi w’Imana aterwa kenshi iyo atanguye kwibaza yuko aruta abantu bose, iyo yibazako ariwe wenyene ashoboye, yuko ariwe wenyene avugana n’Imana canke azi vyose. Ivyo Imana avyita ivyiwe, ivyiwe navyo akavyita ivyo Imana. Twese twame twiyubara kandi tuzirikana yuko ubgibone aribgo bgakoroye satani ava mw’ijuru. Uwatobekeranijwe n’umwampi wa satani ntaco aba acibanga kandi ntahanurwa ngo yumve. Asa n’igari rya citse amafire.
Twebge nk’Ihanga Ryera ry’Imana twahisemwo kwama dusengera abanyengabire bose bari mu gihugu no mu mahanga kugira ngo Imana ibahe umutima wo guca bugufi, kuvuga ukuri no gukunda abantu bose. [Zaburi 41:1 & Yohana 15:12]
Imana yavuganye natwe iduha amasezerano y’ijuru, igihugu n’Ishengero ibanje kutwihanikiriza ngo ntituze tuyikorere turi ikivange kugira ntize itugire uko yagize aba mbere. Imana ntigendana n’ubusimbirahamwe kuko ica ibuhonereza mu nzira. Imana ntigendana n’abafise udutima tubiri, indimi zibiri canke abagenda baratungana intoke; ibatsinda mu bugaragwa. [Yoshuwa 5:6]
Nico gituma twama turiko turasengera abarongozi, abavugabutumwa n’abandi banyengabire ngo ibahangaze, ibatabare kandi ibasomore. Nico gituma turiko turabasengera kuko tuzi yuko uwutirimutse wese Imana itamwihanganira iyo adasavye imbabazi kandi akwegera n’abandi. Ntitugomba guhonera mubugaragwa. Uhishiriye icaha uca umera nka Kora na Datani na Abiramu. Isi yarasamye irabamira n’ivyabo vyose. [Guharura 16:1-25]
Tuguma twambaza amaraso ya Yesu Kristo ku bantu bose, abacumbagira tukabasindagiza, abarushe tukabakira, abo guhanura tukabahanurana uburwaneza mugabo abatwankiye tukabashira mu minwe y’Imana kugira ngo tubandanye urugendo ataco dupfa n’Imana. Tugeze mu bihe vyo kudapfukapfuka ivyaha ahubgo tukabipfukura kugira ngo dukire twogere dukize n’abandi. Dusenge kandi twamamaze Umwami Yesu Kristo!