Imburi n’ubuhanuzi: Imana iti mwibungenze amabanga menshi mwiyubare.

Twariko turasenga dusengera Ihanga Ryera ry’Imana, tusengera umurongozi yadushize imbere n’abera bose. Nti twari twibagiye gusengera n’abo twahorana maze bagahemukira umurimo w’Imana.

Imana yururutse ivugana natwe vyinshi iraduhumuriza kandi iraturemesha. Yururukije amabanga menshi. Niho naja kubona umumarayika w’Imana afashe akantu agira atangure gusuka amavuta mbgirwa yuko ari amavuta y’ubgiza. Agira atangure kuyasuka ku murongozi w’Ihanga Ryera ry’Imana naciye numva ijwi rituragara rivuye mw’ijuru rigira riti: “Mutwaye amabanga mu nzavya mwiyubare abahemuka ntibabamenyeshe” Niho haca hatangura ico gikorwa co gusiga amavuta abakozi b’Imana bitunganije n’abandi mu bera bose.

Umwami Yesu yamamare!