
UKWIBUTSA ABERA BOSE KWAMA BICISHA BUGUFI NO KUGIRA UBURWANEZA KUGIRA NGO BABE AMATARA N’UMUNYU W’ISI.
Murazi yuko itara iyo ricanye ritanyegeza umuco waryo kandi n’umunyu uryosha ibifungurwa. Niko umu-Kristo wese akwiriye kumera mu kugira uguca bugufi n’uburwaneza kugira ngo bikunde yereke urukundo abantu bose, ababi n’abeza. Ico nico twama turiko duharanira mw’Ihanga Ryera ry’Imana kugira ngo umuntu wese agendere muri iyo nzira ngo ashobore kwamamaza ibikorwa vyiza vya Yesu Kristo.
Igihe cose hariho abantu baciye kubiri n’urutonde Imana yaduhaye, na cane cane abashizwe imbere y’abandi, Uhoraho Imana aca arungika imburi ikazicisha hirya no hino mu ku bicaniro n’abavugishwa batandukanye imenyesha yuko igiye kurungika igihuhusi n’akayungiro ko kuyubgurara.
Ihanga Ryera Ry’Imana ryasenyeranije mu bihuhusi vy’abari bahawe guserukira Ishengero imbere y’amategeko. Barasomwa kandi barirukanwa burundu mw’ishengero kugira ngo ntirihere mu bugaragwa.
Inyuma yaho, umwe mubavugabutumwa mbere ari nawe yari yasomye itangazo ryirukana abahemutse; ntiyatevye gusumirwa nawe nyene na ya mpwemu yafashe satani mw’ijuru y’ubgibone, ya mpwemu yasumiye Yuda Iskaiyota igahava igakwegera akarambaraye Ananiya n’umugore wiwe Safira.
Uwo yagenda ariyamamaza abesha abantu ngo niwe Imboneza y’Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera r’Imana ngo ni bamuhe ibigiracumi n’amashikanwa kandi arijemwo mu kwezi Myandagaro umwaka wi 2020.
Ntiyatinya kwigana ikidodo c’ishengero no gusuka mu bantu inyigisho zitavuye ku Mana Ihoraho ngo n’ivyo Ishengero rya Yesu Kristo ryogenderako. Urufatiro twahawe si ivyo aba n’abandi bavuga ku mbuga mugabo ijambo ry’Imana ryanditse mu gitabo n’imburi n’ubuhanuzi Mpwemu Yera ashingira intahe agatanga n’ivyemezo. [Abacamanza 6: 33:40]
Ivyo vyose akabikora ata n’imyaka ibiri y’uburambe aramara mu bikorwa vyo mw’Ihanga Ryera ry’Imana.
Uhoraho Imana yongera aratuma imburi n’ubuhanuzi yuko agira atume kandi igihuhusi n’urutaro kugira ngo umuguruka urekurane n’imbuto z’Imana kugira ngo abana bayo ntibahere mu bugaragwa nk’Abisirayeli ba mbere. Uwo yari yagenywe kuvuga ubutumwa amaze gusabga kwikebuka ico yakoze kwabaye kunyuragira mu bantu abategeka kuva mu rutonde rw’Imana kugira ngo bamukurikire, vyanse yaciye yifata amajwi akwiragiza ibinyoma kugira ngo bikunde asambure. Burya uwo satani yarashe umwampi mu mutima ntasubira gutinya Imana. Arayihangara, akayibeshera ngo yarisubiyeko kw’ijambo ryayo. Aho hose uwaguye mu mutego wa satani aba ariko arimena amaso ngo ni ukwigira umwere. Ukurikiye uwamenetse amaso uba uri impumyi nkawe ugacika umwana w’icangazi iyo utari uwo kuranduka.
Inkuru nziza tubafitiye n’uko umwana w’icangazi iyo yikubishe agashi agasubira kwase gusaba imbabazi bagira umunsi mukuru. Inkuru mbi n’uko wa mwana wo kuranduka wewe adashobora gusaba imbabazi kuko aba yaraciriweko amateka.
Muvyo Imana yahishuriye Abera bayo, haracasigaye igihuhusi kigira gatatu aho ibirumirahabiri n’imvuvyi bizoba vyiyonjoroye vyo nyene nk’uko ijuru ribitangaza. Nta mwana w’umutu ashobora kwinyegeza mu mugambi w’Imana kubera uburyarya n’utujambo twinshi. Hariho n’abantu badakijijwe, abanyamadini n’abandi bikundira ikiryoha c’imburi n’ubuhanuzi gusa. Abo baragowe kandi nibo benshi bateza ingorane abakozi bamwe bamwe babahendesha utujambo yuko babemera kandi bemera ivyo bavuga. Reke guhendwa n’abo mudasangiye urugendo rw’ijuru.
Imana yarahanuye akanyuma k’isegenya ry’amarira n’amaborogo y’abanse kwizera, kwihana no kwumvira Imana.
Ivyo vyose bishika kugira ngo Uhoraho yiramurire abahizi batanyiganyizwa n’imiyaga kuko badakurikira umuntu ahubgo bashinzwe ku rutare arirwo Yesu Kristo.
Umuntu wese yisuzume yihane yezwe, akurikire ukuri, agume mu mugambi w’Imana kuko igiye gushitsa ivyo yasezeranye. Uwanyereye yihane asabe imbabazi agaruke hakiri kare mu ruhongore kwa Data kuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo aracabarindiriye.