Imburi n’ubuhanuzi: Umuntu wese yisuzume ico apfa n’Imana.

IMBURI N’UBUHANUZI: UMUKRISTO WESE ARI MUNSI Y’IZUBA NA CANE CANE UWO MW’ISHENGERO RYA YESU KRISTO ARIRYO HANGA RYERA RY’IMANA YISUZUME ICO APFA N’IMANA YIYEZE.

Satani kuva akororewe hasi kw’isi kubera umugararizo wo kwishira hejuru ngo yinganishe n’Imana, yaciye akoresha ibinyoma kugira ngo asuke abantu abatandukanye n’Imana. Yigira umumarayika w’umuco, akigira umunyavgenge burengeye ibintu vyose akavuga ngo Uhoraho Imana yarabeshe agatuma abantu bazirura ikizira. N’uko icaha caje mw’isi.
N’uyu munsi satani ntiyahinduye ibikorwa kandi nta muntu n’umwe agera umutwe. Uwubahutse Adamu na Eva bibonanira n’Imana amaso muyandi kandi yababumbishije intoke zayo ikabahumekeramwo impwemu zayo, ntaco yibanga.
Uwagiye kugerageza Umwami n’Umukiza Yesu Kristo amaze iminsi 40 ari mu masengesho atarya kandi atanywa, uyu munsi yamariye hasi abakozi bitirirwa Imana.
Abateza ubgibone bakikakisha, ukubesha no gutukana bakagomba yuko abantu babakurikira ku nguvu aho gukurikira Yesu Kristo. Bakoresha ijambo ry’Imana, bakigira abakunzi b’ubusaraba gusumba abandi bose mu kwigisha iminsi yose no mu kuvuga amajambo meza menshi mugabo buzuye ubugunge, ubukunzi bg’ivyubahiro n’amaronko vyatumye banka kwihana ngo bahinduke. Bashobora kuvuga no gukora icarico cose ku bakozi b’Imana banse kubayoboka no gukurikira inzira y’ubuzimire bgabo. Icari gikwiriye n’uko bobanje guca bugufi bakihana bagahinduka, bakezwa kugira ngo bakore imirimo y’Imana bejejwe.
Mu madini n’amashengero menshi mwene abo barabatinya bakabareka mukubereka yuko atawungana nabo bagaheza bakigira utwo bashaka kandi ni naco gituma abantu benshi buzuye mu mashengero ariko ivyaha bikaguma vyiyongera mu gihugu.
Mw’ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana nta n’umwe tuzotinya ku kigohe ngo ni ubutunzi, ingabire, amashure, imyaka canke amajambo menshi. Tuzokangwa kandi twubahirize umuntu wese atwereka ukwihana, ukwezwa n’ukugororokera Uhoraho Imana. Ivyo nivyo dusonera kandi twese tubandanira.
-Ntituzokwemera guhera no guhonera mu bugaragwa kubera ivyaha vy’umuntu uwariwe wese yanse kugendera ku rutonde rw’Uhoraho Imana.

  • Ntitwokwemera yuko icaha ca Kora, Datani na Abiramu kiduheza mu bugaragwa. [ Guharura 16: 1-34]
  • Nti tuzokwemera icaha ca Akani ngo Ishengero ryose rihonere mu bugaragwa [Yoshuwa 7:19-26]
  • Ntituzemera icaha ca Ananiya na Safira mw’Ihanga Ryera ry’Imana[Ivyakozwenintumwa 4:32- 5:11]
    Amashengero yose, Ihanga Ryose ritegerezwa kwikubita agashi ntihasubire kuba uruvange, icaha citwe icaha c’abanyavyaha, ukwera kube ukwera kw’abagororitsi ba Yesu Kristo.
    Nijoro, umusavyikazi w’Imana yeretswe Umwami Yesu Kristo ashavuye cane, ijwi rituragara rivuye mw’ijuru riti : “MWA BANTU MUTUMVA MWANSE KWUMVIRA IJAMBO N’IMBURI NGIRA NDABARANDURE”
    Yavuga abantu basambuye ibicaniro bikura mw’IHANGA RYERA RY’IMANA. Umukozi yigize nka Mose agiye gusenga Imana ngo ntibarandure, Yesu Kristo yaciye ashangashirwa na cane gose. Wa mukozi aca akwira igihugu cose ahurutura abantu ku mapikipiki abahonda ku mitwe. Ivyo navyo ni ibikorwa bitabereye umukozi w’Imana Uyo mu vugishwa yararize asaba yuko abantu bose bihana ngo Imana ntabarandure.
    Uyu munsi umusavyi w’Imana yeretswe icapa kinini kumanitse hariya hejuru mw’ijuru canditseko ngo “HANGA RYERA RYANJE MWIRINDE KWIFADIKANYA NABO BONONYE AMASEZERANO UBGAMBERE BITUMA ATABASHIKAKO KUGIRA NGO NTIMURANDUKANE NABO KUKO IMANA IGIRA IBARANDURE BATIHANYE NGO BAGARUKE MW IHANGA RYERA KUKO MWEHO NGIRE NDABASHITSEKO IVYO NABASEZERSNIYE.”
    Ntawuzi yuko abantu bariko baratahura imburi ziriko ziratangwa. Umwe wese yisuzume ico apfa n’Imana n’ingene ahagaze kuko ikibarirwa ni icumva kandi icerekwa ni ikibona. Umwami wacu Yesu Kristo yamamare!